Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/11/2023

Publié le 2 novembre 2023 par Rédaction

1.Intumwa zaserukiye u Burundi mu nama igira 78 ku bijanye n’ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu, yabereye i Genève mu gihugu c’ubu Suisse ku wa kabiri no ku wa gatatu, zemeje ko ubutungane bukora neza mu Burundi. Umushikiranganji w’ubutungane Domina Banyankimbona yaserukiye izo ntumwa, yavuze ko igorane bafise, ngo n’uko badafise abaganga banonosoye ibijanye n’ubuhinga bwo kumenya abahohoteye abantu, no kubura abatanga inkuru z’imvaho mu gihe babonye abanyuruje abantu.

2.Intumwa z’Abarundi zari zaserukiye Leta mur’iyo nama insiguro zatanze ntizifashe nagato.Ahubwo inyishu zatanze zari izo kwigovyora. Bishikirizwa n’Umushingwamanza Lambert Nigarura, umwe mu baserukiye amashirahamwe yigenga aharanira agateka ka zina muntu mur’iyo nama.

3.Ikindi uwo mushingwamanza avuga, ngo biratangaje kubona Intumwa za Leta zatanze icegeranyo yari yaratanze haraheze imyaka 10, kikaba ari co igarukana inyuma y’imyaka 9

4.Igenekerezo rya kabiri ukwezi kwa munyonyo , amakungu yama ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ukudahana ivyaha bikoregwa abamenyeshamakuru . Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bo mu Burundi UBJ, ribonako mu Burundi uwo musi ushitse abamenyeshamakuru bama baturubitwe , bamwe bakicwa , bagafungwa abandi bakanyuruzwa ataco bazira , kandi abakoze ivyo vyaha ntibigere bahanwa. Iryo shirahamwe risaba leta kwisubirako igakurikiza amategeko mpuzamakungu akingira abamenyeshamakuru nkuko biba mu bindi bihugu.

5.Jean Claude Kavumbagu arongoye ikigo Net Press n’umwe mu bamenyeshamakuru babarundi avugako yakubaguwe akatari gake n’intwaro zitari zike. Arafatwa arafungwa bidaciye mu mategeko , ahubwo azira umwuga wiwe. Asigura ko imvo zizo ntwaro zose zari ukumutera ubwoba kugirango ntabandanye akora umwuga wiwe wo kumenyeshamakuru .

6.Abantu 11 baragandaguwe abandi barenga 40 barahagarikwa bidakurikije amategeko n’abandi bantu batatu banyurujwe. Ivyo biri mucegeranyo c’ukwezi kw’icumi c’ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi ryasohoye kuruyu wagatatu. Abagirizwa ivyo vyaha ahanini n’urwego rw’iperereza na bamwe bo munzego z’umutekano hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure. Anitha Gateretse Umuhuza bikogwa muriryo shirahamwe asaba leta y’uburundi ibicishije mushikiranganji bw’ubutungane guhagarika no guhana abagirizwa ivyo vyaha badasiba kudomwako urutoke.

7.Muntara ya muyinga aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yizeza abigisha batararonswa agashahara kabo hafatiwe kw’ iduzwa ry’amapete no k’uburusho bujanye n’amanota bagiye bararonka kuva mu mwaka w’i 2016 ko bagiye kuyaronswa. Ivyo yabishikirije kuruyu musi wa kane mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe Umwigisha wahimbarijwe mu ntara ya Muyinga usanzwe uhimbazwa kw’isi yose igenekerezo rya 5 Gitugutu. Kubw’umukuru w’igihugu, abatararonswa ubwo burusho, ngo vyaturutse Ku kwihenda kw’abari bajejwe kubuharura.

8.Ishirahamwe OLucome rihamagarira abarundi kurwiza umwimbu wibiterwa njabukamazi nkikawa,icayi ni pampa kugira amafaranga yagaciro yiyongere mugihugu. Gabriel Rufyiri arongoye Olucome agasaba ko ibanki nkuru yigihugu itotwarirwa mubiro vyumukuru wigihugu ahubwo ko yo kwigenga nkuko biri mubindi bihugu vyo kwisi yose.Gabriel Rufyiri akaba yabivuze mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wakane kubijanye ningene ikibazo camafaranga yagaciro aguma abura cotorerwa umuti .

9.Abanyeshuri bahejeje amashuri yisumbuye mw’ikambi y’impunzi i Nyarugusu na bo nyene barafise uburenganzira bwo gukora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza. N’akamo gaterwa n’urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’impunzi ziba mu nkambi. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urwo runani, avyibukije inyuma y’aho baboneye ko abo banyeshuri batakoze ico kibazo, mu gihe abandi bagikoze mu kwezi kw’umunani.

10.Umutumire wamakuru :Jean Claude Kavumbagu arongoye ikinyamakuru Nete Press .

Ibindi bisa n'ibi