Reta irafise ibibazo vyo kurangura ibikorwa vyayo. Ivyo vyemezwa n’umushikiranganji wa Mbere. Gervais Ndirakobuca yabivugiye imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka ku musi wa mbere aho yariko yishura ku bibazo vyabo. Ivyo rero agasigura ko biva ku barongoye imigambi itandukanye, be n’ivyo abafasha Uburundi basaba mu gutanga uburyo.
Ishirahamwe PARCEM ryo ribona ko ingorane zituma ibikorwa vya reta bicumbagira ziri ahandi. Faustin Nkikumana arirongoye avuga mur’izo ko hari mwo ivyo gutanga ubuzi hisunzwe ubwoko na politike, eka n’ubumenyi buke bw’abajejwe gushira mu ngiro iyo migambi. Akavunira akagohe reta ko yorondera incabwenge, haba mu gihugu canke hanze.
Imyidogo ni yose mubagize imirwi mugihugu cose bari bashinzwe gutora aboronswa akazi ko kwigisha.Bavuga ko bamaze amezi ane batararonswa agahembo kabo inyuma yaho bahereje igikorwa bahawe nubushikiranganji bujejwe akazi.Basaba ko bo tunganirizwa.
Mumakuru ajanye nubutungane tuje mubumanuko bwigihugu mu ntara ya Makamba , aho bamwe mu miryango y’abantu baheruka gucirirwa imanza z’ikibiriraho , bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu bidoga. Bagiriza sentare y’igihugu muri iyo ntara , guca imanza zihengamye , bakavugako yahanye bambwe ireka abandi mu manza yaciye muri izi ndwi zibiri ziheze.
Imiryango ishika 13 harimwo 10 yo Ku mutumba Mugano n’i 3 yo Ku mutumba Mangoma zone ya Mugano, komine Giteranyi, intara ya Muyinga, iratabaza abajejwe intwaro mur’iyo komine ngo babashikire imbere kubasanzwe bafasha mur’iyo komine kugirango babasabire ibisakazo vy’amazu yabo yaraye yononywe n’imvura nyinshi irimwo urubura n’umuyaga kur’iyo mitumba hari ejo k’umuhingamo nkuko, amakuru ava aho Ku mitumba ya Mugano na Mangoma avyemeza. Iyo mvura ngo yarononye kandi imirima y’ibitegwa bitandukanye nk’ibigori, ibitoke hamwe n’imyum ati biri k’uburinganire burenga amahegitari 15 nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Abo banyagihugu bakemeza ko muri Kino gihe badafise ayo bacira n’ayo bamira.
Mw’ikambi yimpunzi za barundi ziba inyarugusu muri Tanzaniya aho abana babanyeshule Basaba guhabwa ikibazo ca Leta gitanga uburenganzira bwo kubandanya igice ca 2 c’amashure yisumbuye. Abo na bo ni abana b’abanyeshure bo mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya bamaze gucererwa amezi abiri kuko batarakora ico kibazo, bari kuba barakoze mu kwezi kwa munani guheze. Abavyeyi b’abana basaba HCR na Let aya Tanzaniya gukoresha ico kibazo, na cane cane ko abo bana batanguye kuja mu ngeso mbi kubera ukwihebura.