Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/11/2023

Publié le 13 novembre 2023 par Rédaction
1.Ingabo z’uburundi ziri muri contingent ya tafoc mu ntara ya Kivu yo mu buraruko zarongerejwe abasirikare barenga 700 hamwe n’ibikoho vya rurindisha ngabo mu mpera z’indwi iheze. Amakuru ava mu gisirikare amenyeshako intumbero bafise akaba ari iyo guhangana n’umuhari M23 bakawusubiza inyuma y’ibirunga vya Nyiragongo.
2.Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta , ruriyamiriza ingene leta y’Uburundi iguma irungika abana b’Uburundi bidaciye mumategeko , gupfira mu ntambara batazi . Urwo runani rukabonako ibiriko birakorwa biteyoni , kandi uretseko binatezurubwa umukuru w’igihugu Ndayishimiye , ngo biha isura mbi igihugu c’Uburundi.
3.Bamwe mu ndongozi zo mu ntara ya Rumonge babandanya kuvugwa ko bagize uruhara rukomeye mw’inyuruzwa ry’amafaranga yari yitwa ko ari ay’imizibukiro ku mutumba Mutambara wo muri komine n’intara ya Rumonge. Uwuza kw’isonga ni Léonard Niyonsaba, buramatari w’iyo ntara. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bagasaba ko yokurikiranwa kuri ubwo bunyonyezi.
4.Abanyagihugu nabo bo mugisagara ca Ngozi no mu ma komine agize iyo ntara barashima itegeko ryubushikiranganji bwubudandanji rivuga ko ata binyobwa birimwo umwambiro ukaze bizosubira kudandazwa m’ubunywero butobuto kuva kw’igenekerezo rya mbere mumwaka uza. Abo banyagihugu bavuga ko zahora zitera umutekano muke mu miryango no mu mibano eka abazihebeye bakanasesagura ubutunzi bwimiryango.
5. umurwi wa Vital’o n’ubu niwo ukiri kw’isonga ry’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi rigeze ku ndwi igira 13. imirwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba nayo mu bahungu bari muri Tanzaniya aho bagiye gukina inkino zokurondera ikibanza co kuja mu nkino z’igikombe c’isi kizobera muri Amérika na Canada mu mwaka wa 2026 ku bahungu na 2024 ku bakobwa inkino zizobera muri colombiya. Abo bigeme nabo bakaba bari mu Buganda.

Ibindi bisa n'ibi