-
Ivyemezo vyerekana ko abasirikare b’u Burundi barwana Ku ruhande rw’igisirikare ca Congo n’imirwi bafadikanije yindi irimwo Fdlr na wazalendo vyarashizwe ahabona kuri uyu wa mbere n’umuhari M23. Uwo muhari ukaba werekanye abandi basirikare b’u Burundi batatu. Abo basirikare bakaba berekanywe barikumwe na Fardc bafatanywe bari kumwe na Fdlr umuhari ugizwe n’abakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda, hamwe na wazalendo.
-
Amadeni Leta y’Uburndi iheraniye ama banki akorera mu gihugu ngwarenga amamiliyaridi ibihumbi 6 000 vy’amarundi. Bishikirizwa na Diomède Ninteretse umuhinga mu vy’ubutunzi mu cigwa yakoze kuvyerekeye amadeni leta y’u Burundi iheranye hamwe n’icokorwa kugira agabanuke. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru hari kur’uyu wa mbere, ngwayo mafaranga akaba aruta kure ayo igihugu gikoresha ku mwaka.
-
Ku bwa Diomède Ninteretse ngo hariho agahaze kuvyerekeye integuro y’amafaranga Leta izokoresha uno mwaka kuko yongewe ko incuro 68%, ibisata nyamukuru vyofashije abanyagihugu bironswa intica ntikize.
-
Igenekerezo rya 14 munyonyo n’umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ingwara y’igisukari. Mu Burundi iyo ngwara isa n’iyiriko iriminogoza, kuko amatohoza yakozwe mu mpera z’umwaka uheze n’umugambi w’igihugu ujejwe kugwanya ingwara zikomeye ariko zitandukira, yerekanyeko ingwara y’igisukari ari iya gatatu ituma abagwayi baja mu bitaro, kandiko abagwayi bacibwa ibihimba vy’umubiri, 30 kw’ijana vyabo, biba vyavuye kuri iyo ngwara.
-
Reta irasabwa gushira uburyo bukwiye mu gufasha abanyagihugu kwivuza bitabagoye, gutyo n’abagendana idwara y’igisukari babonere ho. Ako n’akamo gaterwa na Jérôme Kazabukeye, kw’izina ry’umuryango mpuzamakungu ry’ingwara y’igisukari. Ivyo akaba yabishize mw’ikete yandikiye umushikiranganji w’Amagara y’Abantu.
-
Mw’ikambi y’impunzi i Mahama mu gihugu c’u Rwanda, ubuserukizi bw’impunzi busabako abarwaye ingwara ya diabète boza bararonswa imfungurwa zihuye kandi zifasha abarwaye kugumana amagara meza. Jean Bosco Kwibishatse aserukira impunzi zo mw’i Kambi y’i Mahama, arashima ariko kwabarwayi bitabwaho mukuronswa imiti nkuko bisanzwe kandi ku gihe.
-
N’inkuru y’umubabaro mu muryango w’abamenyeshamakuru b’abarundi inyuma y’urupfu rwa Egide Ndayisenga umuyobozi wa Radio Bonesha fm. Egide Ndayisenga yitavye Imana kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 13 ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2023 ahitanywe n’ingwara mu bitaro Maison médicale aho yararwariye kuva kuri uyu wa gatandatu. Radio Inzamba agateka kawe ikaba ihojeje umuryango wa Egide Ndayisenga n’umuryango w’a bamenyeshamakuru bose. Imana imwakire mu bwami bwayo.