Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 16/11/2023

Publié le 16 novembre 2023 par Rédaction

 

  1. Intwazangabo zitatu zitabarizwa n’abasirikare ko bashobora kugirirwa nabi aho bapfungiwe mu gasho mw’ikambi ya police militaire Pm i Bujumbura. Abo basirikare b’intwazangabo batahukanywe bakuwe mu ntara ya Kivu ya ruguru muri contingent ya tafoc. Amakuru ava mu gisirikare avuga ko boba bahorwa ibibazo vy’abasirikare bashikirije ababatwara bikabura inyishu. Muri ivyo bibazo harimwo icuko bambitswe umwambaro w’igisirikare ca Congo fardc.
  2. Abantu cumi na bane bagizwe nabadandaza hamwe nabadereva baraye baciriwe kuruno wagatatu murubanza rwikibiraho na sentare nkuru ya Rutana umunyororo uri hagati yumwaka umwe nimyaka itanu .Bakaba bagirizwa guhungabanya ubutunzi bwigihugu canke kwifatanya nabagirizwa ico caha.
  3. Abandaza b’ibinyobwa vy’ishirahamwe Brarudi bo muri komine Nyanza Lac muntara ya Makamba bariyamiriza amahera bakwa na komine hamwe nikigo kijejwe kwegeranya amakori na ma tagisi OBR babwirwa ko ari amatagisi. Bavuga ko bamaze kurihishwa incuro zibiri na komine hamwe na rimwe na OBR mu mwaka umwe gusa wa 2023 . Ivyo bir’uko mu gihe kare bahora bishura rimwe gusa.
  4. Amazu atanu niyo yabomotse imirima myinshi irononekara kubera imvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uwu wa gatatu ku musozi Kibogoye hafi yo kumurwa mukuru w’intara ya Muyinga, abanyagihugu bashikiwe n’ivyo vyago muri kino gihe barifumbereje , basaba abagiraneza kubagarukirako.
  5. Abanyagihugu bo mugisagara ca Bujumbura basaba Leta gukurikiranira hafi ibikorwa vy’ishirahamwe REGIDESO bijanye no kurihisha abanywanyi bayo amafagitire y’amazi. Abanywanyi b’iryo shirahamwe, baryagiriza kurihisha amafaranga menshi atajanye n’amazi yakoreshejwe. Igituma babivuga, ngo n’uko bashobora kumara igihe kinini ata mazi baronka, ariko hageze kuriha, bagasanga barishe menshi gusumba igihe amazi yabonetse ku bwinshi. Umwe mu baba mur’ico gisagara, aravyigana .

Ibindi bisa n'ibi