-
Abakozi 2 b’ikigo OBR bakorera muri commune Giharo intara ya Rutana baraye binjijwe ibohero rya Rutana. Bakwirikiranwa kucaha co kwifatanya n’abandaza hamwe n’abadereva 14 baheruka gucirirwa ibihano bitandukanye bagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.
-
Umugambwe CNDD FDD kuri uyu wa kane waratanguje indwi yahariwe intwari zawo igihe bari ku rugamba. Urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta rubonako abo bagwanye mu ntambara n’abanywanyi b’uwo mugambwe muri rusangi, ata cigwa bakuye mu ntambara kuko baguma bafise imvugo zibiba urwanko n’ugukumira abandi. Urwo runani CFOR ARUSHA rubonako bari bakwiye kwisubirako.
-
Evariste Ndayishimiye nawe ategerezwa kugira ibishoboka vyose akagarukana abasirikare barungitswe muri Congo, akanarekuza abafashwe n’umuhari M23. Ako n’akamo k’umuhari Inamahoro. Marie Louise Baricako awurongoye, akaba ananegura inyifato ya reta yigira sindabibazwa mu gihe hari abasoda bapfiriye ku rugamba, ntiyerekane n’ugushaka guhoza imiryango yabuze ababo.
-
Itegeko rigenga ibijanye no kurwanya igiturire ryanshinzwe mumwaka 2006 rikwiye gusubirwamwo kugirango igiturire gishobore kurwanywa koko mugihugu.Ivyo bivurwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe olucome ni mugihe kuruno wagatanu ryari riramutse rishira ahabona icirwa ryakoze kubijanye nintererano iraba itegeko rijanye no kurwanya igiturire uno munsi Olucome yita ko ari igikanganyoni kuko atamutegetsi numwe arafatwa hisunzwe iryo tegeko kumakosa aba yakoze.
-
Impunzi z’Abarundi bahungiye mw’ikambi y’i Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya barataka batakamba ko bosanurirwa amazu yabomowe n’imvura ya kano gatasi. Bavuga ko barara ntibuca kubera amazi y’imvura abasanga mu mazu, ni mu gihe n’abatabomorewe n’imvura amabati y’inzu zabo yaguye ingese aratobagurika. Ingorane bari mwo bagize ngo barazishikirije ababarongooye, ngo babwirwa ko ata buryo buhari, ngo n’ubuhari bugenewe impunzi z’Abakongomani gusa.