-
Hari umusirikare w’intwazangabo yatahukanywe avanywe mu ntara ya Kivu yo mu buraruko ubu akaba apfungiwe mw’ikambi police militaire. Uwo akaba abaye intwazangabo ya Kane ipfungiwe muri pm bakuwe mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Bose bakaba bahorwa kugarariza amategeko yo kuja kurwanya umuhari M23.
-
Evariste Ndayishimiye ngo yarahemutse. Ivyo bivugwa na Bertrand Bisimwa, arongoye umuhari M23. Uyu avuga ko bitangaje kubona uwurongoye akarere, akaba ari nawe ategerezwa gucungera ko ingingo zifashwe zubahirizwa, ari nawe yahindukiye akarwanya uwo muhari. Bertrand Bisimwa yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru i Bunagana muri Kivu y’Uburaruko. Hari ku musi wa gatandatu w’indwi iheze.
-
Kuriri genekerezo rya 20 Munyonyo uyu mwaka amakungu arahimbaza imyaka 34 irangiye hashizweho umusi mpuzamakungu wahariwe agateka k’umwana. Leta y’uburundi ibicishije k’ubushikiranganji bwo gufatana munda ivuga ko yashizeho amategeko, ama politike n’inzego mugihugu zikingira agateka k’abana bose muri rusangi. Imelde Sabushimike umushikiranganji wo gufata munda asaba abajejwe amategeko yo gukingira agateka k’abana kwisunga ayo mategeko kugira agateka k’abana karushirizeho kubahirizwa mugihugu.
-
Uburyo bushirwa mu gisata cerekeye agateka k’abana mu Burundi buguma ari buke cane. Ayo mafaranga angana n’igice 1,7 kw’ijana y’amafaranga leta y’Uburundi yategekanije gukoresha mu mwaka w’i 2022 ushira uw’2023. Uravye ingorane zitandukanye abana muri kino gihe , leta yari ikwiye kwongereza ubwo buryo.
-
Abapasitori n’abakirisu bo mw’ishengero ESEEBU muri misiyoni ya Nyanza Lac muntara ya Makamba baridogera pasitori wambere wiryo shengero Raban Barankunda ko atagomba gukurikiza amategeko yumvikanyweko nabarongoye urwo rusengero yavuye munama yabose. Kuruno wagatandatu no kuwimana bakaba barankiwe kwinjira mumasengero yabo kandi bari bumvikanye yuko bosubira gusengera aho bahora. Basaba ko amategeko yo kurikizwa.
-
Uburundi bwaraye butsinzwe murukino rwabwo rugira kabiri muri za nkino zo kurondera imirwi izoserukira umugabane wa Afrika mu nkino z’igikombe c’isi yose zizobera muri Amérika, Canada na Mexique mu mwaka wa 2026. Mu gusiganwa n’imiduga, ihiganwa ryari kubera igitega, ryarahagaritswe kubera umunonotsi Jean Jean yashitse, aca yitaba Imana giturumbuka. Turagaruka no kw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru k’urwego rw’igihugu rigeze ku ndwi igira 14, Vital’o n’ubu ikaba ikiri kw’isonga.