Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/11/2023

Publié le 21 novembre 2023 par Rédaction
  1. Ikiziga c’umwana w’umukobwa w’imyaka 5 caratowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abamubonye bakemezako yagandaguwe inyuma yugufatwa ku nguvu n’abantu bataramenyekana. Uwo mwana akaba yaba muri karitiye Nyarumanga zone Buterere ni mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru ava mu muryango wuwo mwana yemezako yari yabuzwe irengero kuva ku mugoroba wo ku munsi w’Imana, acatorwa ikiziga ahitwa ‘Kwa makara’. Ubwo bwicanyi bukaba buhagaritse umutima umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Umushingwamanza Jeanne D’arc Zaninyana awurongoye aratera ivyatsi ubwo bukozi bw’ikibi, agahamagarira abarundi bose kuva hasi bakiyamiriza ako kabi gafatiye ku gitsina.
  2. Abantu 8 bagirizwa kuba baragize uruhara mw’iyicwa ry’umuntu w’umugabo w’imyaka yoba irenga gato 40, barapfunzwe kuva kuri uwu wa mbere muri komisariya y’igipolisi i Ngozi. Bose bakava bava ku mutumba Kinyana wo muri komine n’intara ya Ngozi. Uwo mugabo akaba yagandaguwe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana uheze.
  3. Igenekerezo rya 21 munyonyo n’umunsi mpuzamakungu wahariwe imboneshakure. Mu Burundi abanyagihugu baraba ibiganiro vy’imboneshakure y’igihugu baganiriye na radio inzamba agateka kawe, bemezako iyo mboneshakure isigaye ari nk’igikoresho c’umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD FDD. Banegurako ibiganiro vyinshi bica kuri iyo mboneshakure ari ivy’uwo mugambwe gusa. Abo banyagihugu basaba ababijejwe gukora ibishoboka kugirango iyo mboneshakure ishobore gukorera abanyagihugu bose ata gukumira aba canke bariya.
  4. Uno musi ngo televiziyo y’Uburundi yiziziwe n’akarwi kayikoresha ku nyungo za ko, kadashaka ko ibigenda nabi mu gihugu bivugwa. Ivyo binegurwa na Innocent Muhozi, yahoze ari umuyobozi mukuru w’iyo televiziyo. Innocent Muhozi rero akabona ko mu Burundi télévision yasubiye inyuma cane, ufatiye aho yari igeze imbere y’uko umugambwe CNDD-FDD ushika ku butegetsi.
  5. Mu gihugu ca Tanzaniya haravugwa agatotezo gakorerwa impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Nyarugusu. Kur’uyu wa mbere, uturima duto duto twahora dusahiriza izo mpunzi twararandaguwe. Ibidandazwa bitandukanye bahora bacuririza mw’isoko vyarasanzajwe. Izo mpunzi zagiriza uwurongoye iyo kambi ko ari inyuma y’ubwo bubisha, akoresheje bamwe mu rwaruka rw’impunzi.

Ibindi bisa n'ibi