Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/11/2023

Publié le 23 novembre 2023 par Rédaction
  1. Hari umunyagihugu umwe yaraye acikaniye kuruyu wagatatu kw’ivuriro ryo mu Gitaza muri komine Muhuta y’intara ya Rumonge, inyuma y’amahiri yakubiswe n’abanyagihugu bo Ku mutumba Buringa muri iyo komine bamwagiriza uburozi. Abantu batatu bari mu minwe y’inyamiramabi kumvo z’amatohoza.
  2. Hari umuntu w’umugabo kugera ubu ataramenyekana izina n’iyo aturuka , yatwawe kuri uwu wa gatatu n’uruzi Nyakijima mu gace k’aho amakomine ya Gashikanwa na Ngozi ahanira urugabano. Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro muri komine ya Ngozi amenyesha ko hari ipikipiki y’umuntu yari ihejeje kugwa muri urwo ruzi , hanyuma nyeneyo agira ubwoba bw’ukurujamwo ngo ayikureyo.Aca yemerera uwari aho amafaranga ibihumbi amajana abiri ngo ayimukurireyo. Uwo nawe agikorokera muri urwo ruzi yaciye akamangana nta wasubiriye kumukubita ijisho ku buryo ikiziga ciwe kitari bwaboneke kugera kuri uwu wa kane.Hakaba hari haciye hafi indwi zibiri hari umusirikare na we yatwawe n’uruzi Akanyaru , na we nyene ikiziga ciwe kikaba kitigeze kiboneka .
  3. Ishirahamwe  SOS TORTURE ngo rirafise amakenga ko hashobora kuba uruhagarara mu matora azoba mu 2025 hamwe no mu 2027.  Mu cegeranyo c’amezi atatu aheze iryo shirahamwe  riherutse gusohora , ryerekanako umutekano muke uri mu gihugu , abanyepolitike batisanzura uko bashaka hamwe n’ibiturire vyiraye mu gihugu bidashobora guhumuriza abanyagihugu. Iryo shirahamwe risaba leta kuhagabira kugirango ayo matora azobe amatora atekanye, abera mu muco kandi yizewe na bose.
  4. Imyidogo ni myinshi mubarondera impapuro zitandukanye zo kwiyunguruza mugipolisi kijejwe uruja n’uruza hamwe n’imbibe PAFE.  Abaharondera ivya ngombwa vyo gutembera ngo bakwa ibiturire vy’umurengera kugira bashobore kuzironka mugihe ca vuba. Abo barondera izo mpapuro basaba ko ivyo bikogwa vyo kwakwa ibiturire vyohagarara kuko hariho benshi basiba ingendo zabo kuko babuze ibiturire vyo gutanga kugira baronke impapuro.
  5. Dieudonné Murengerantwari yahoze arongoye ibanki nkuru yigihugu yaraye yinjiye ibohero rikuru rya Mpimba inyuma yukwezi kurenga apfungiwe mubiro  bikuru vyiperereza.Uwo yahoze aramutswa ibanki nkuru yigihugu akaba muvyo yagirizwa harimwo uguhungabanya ubutunzi bwigihugu,kurya ibiturire.gusahura amatungo yigihugu nibindi nkuko itangazo ryasohowe numushikiriza maza kizigenza wa republika Leonard Manirakiza ryabimenyesheje agifatwa. Dieudonne Murengerantwari akaba yakombowe muri ayo mabanga yo kurongora ibanki nkuru BRB hari kuwimana italiki umunani Gitugutu uyu mwaka akaba yari yagenywe muri ayo mabanga  muri myandagaro umwaka wi 2023 mukiringo cimyaka itanu
  6. Imfashanyo yahora ihabwa impunzi mu bihugu bitandukanye mu  karere yaragabanutse cane. Bikaba vyavuye ku ngingo amashirahamwe HCR na PAM yafashe. Ivyo bikaba biteye impungenge urunani rw’Abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi. CBDH-VICAR ikaba yasohoye itangazo aho ubwa mbere na mbere batemera imwe mu mpamvu zitangwa n’ayo mashirahamwe. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urwo runani, akavuga ko impunzi z’Abarundi zidashobora gutaha muri bino bihe, kubera umutekano wa zo ugeramiwe.
  7. Ivyo bikaba vyatumwe urunani CBDH-VICAR isaba abasanzwe bafasha impunzi kubandanya ico gikorwa.

Ibindi bisa n'ibi