Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/12/2023

Publié le 6 décembre 2023 par Rédaction
  1. Prosper Ntahorwamiye niwe yemejwe  kuruno wagatatu ninama nkenguzamateka ngo arongore umurwi wigihugu  wigenga ujejwe  gutunganya amatora ceni. Prosper Ntahorwamiye muri kino kiringo akaba ari umunyamabanga wa reta akongera akaba numuvugizi wayo.Akaba asubiriye muri ayo mabanga Pierre Claver Kazihise.Inama nkenguzamateka yatoye nabandi batandatu bagize uwo murwi.Icegera cumukuru wuwo murwi ni umupfasoni Victoire  Nahimana,nayo Odette  bizumuremyi ajejwe ibijanye nubutunzi ,Sylvestre nyandwi akaba ajejwe igisata camategeko ,Francois Bizimana numuvugizi wuwo murwi ,Leonidas Ndayiragije akaba ajejwe ubuhinga ngurukana bumenyi nayo Gaby Bugaga akaba ajejwe ibikoresho.
  2. Ikiziga c’umugabo w’imyaka 35 caratowe kuri uwu wa kabiri muri karitiye Rubuye yo mu gisagara ca Ngozi aho bita Kungoro. Inkuru ziva muri iyo karitiye zimenyesha ko basanze cenena ku mugozi mu nzu uyo muntu yabamwo we nyene kandi ngo cari catanguye kwononekara. Ababanyi bakibaza ko yoba yariyahuye biturutse ku mubano mubi wahoze uri hagati yiwe n’umugore wiwe watumye uwo bari bubakanye ata akagenda atwaye n’abana. Abajejwe intwaro muri komine Ngozi bakavuga ko batewe umutima uhagaze n’ivyo vy’ukwiyahura ngo kuko mu kiringo c’amezi abiri gusa hamaze kwiyaka ubuzima abantu batatu, uwugira kane na we ngo bakaba bamuciye ku mugozi. Mu gipolisi bakaba baciye batangura amatohoza.
  3. Abasirikare b’Uburundi bategerezwa kwanka gushorwa ku risongoye mu kuja kugwanya umuhari M23 mu gihugu ca Kongo. Ivyo bisabwa n’urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta. Urwo runani rubona yuko abo basirikare b’abarundi bariko barahonera mu ntambara itari ikenewe na gato, rwagiriza abategetsi b’igihugu bayibarungikamwo guhemukira igihugu , kandi yuko impera n’imperuka bazobibazwa.
  4. Haravugwa ibura ry’intebe mu mashure shingiro  amwe amwe yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Aho bigeze abana basigaye biga bicaye ku mabuye. Abavyeyi babona ko abana babo bariko baratakaza ubumenyi kandi bizobagirira ingaruka mbi. Ivyo bikaba uko mu gihe abo bavyeyi bavuga ko bama batswe amafranga, babwirwa ko ar’ayo kugura intebe.

Ibindi bisa n'ibi