Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/12/2023

Publié le 8 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Général Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere ahejeje gucirirwa umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, n’amatungo yiwe yose agafatwa. Colonel Désiré Uwamahoro, colonel Destin Mpfumukeko hamwe n’umuhinga muvy’inyubakwo yakorana na Alain Guillaume Bunyoni, bose ukwari batatu baciriwe gupfungwa imyaka 15. Abandi bapfunzwe muriyo dossier bakaba baciriwe gupfungwa imyaka itatu. Izo ngingo zikaba zasomwe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu n’uwurongoye sentare ntahinyuzwa, hari mw’ibohero ry’i Gitega. Tubibutse ko Alain Guillaume Bunyoni kuva afashwe yagirijwe guhungabanya umutekano wo mugihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, gushaka kwica umukuru w’igihugu no gutunga ibigwanisho atabifitiye uruhusha.
  2. Ishirahamwe ACAT Burundi naryo ririyamiriza amafaranga atozwa abanyororo binjiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba kugira baronswe icumba co kuraramwo. Ayo mahera bivugwa kwatozwa hatisunzwe amategeko, ari hagati y’ibihumbi 500 n’ibihumbi 20 vy’amafranga y’amarundi, bitewe n’icumba ushaka, agatozwa n’abarongoye ama quartiers bita abakapita. Umushingwamanza Ntiburumunsi Jean Claude, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi, abonako ayo mafaranga y’umurengera atozwa abapfungwa aza gusongera isibe mubuzima bw’abanyororo n’imiryango yabo kuko uwudashoboye kuyatanga aheza agasohorwa muriyo quartier canke akarungikwa muzindi zishuzwa amafaranga make.
  3. Imisi yo kwiyamamaza ku migambwe ishaka kuzokwitoza mu matora yimirije yo 2025 , izova ku ndwi zitatu ije ku ndwi zibiri. Ivyo ni bimwe mu vyavuye mu nama nshikiranganji yabaye ku musi wa gatatu uheze igenekerezo rya gatandatu uku kwezi turimwo kwa Kigarama. Muri iyo nama hasabwe nuko amafaranga y’ingwati kuwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yoja ku miliyoni ijana , uwushaka kwitoza mu kibanza c’umushingamateka canke umukenguzamateka nawe , agatanga ingwati y’amafaranga imiliyoni zibiri z’amarundi.
  4. Umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora Ceni co kimwe ninteguro ijanye amatora ngo ntibiraba umugambwe MSD. ivyo nibishikirizwa n’umuvugizi wuwo mugambwe Epitace Nshimirimana. Akavuga ko amatora umugambwe MSD wipfuza kandi wama usaba ari amatora anywanisha abarundi kandi adakumira atuma n,abarundi bahunze batahuka muzabo.
  5. Abasirikare b’u Burundi bari mu ntara ya Kivu yo mu buraruko bavuye mu bice vya Minova nahegereye Mushaki bagenda batumbereye Saké. Ivyo bikaba vyabaye mu gihe bamwe muribo batanguye kwanka amategeko yo kuja guhangana n’umuhari m23 kubera agakekezo bakorerwa n’abakongomani bagira ko kubatana urugamba no kubakora kw’itama ngo barwane bo barihwa menshi.
  6. Ngo nta nyungu nimwe leta y’uburundi yosigura yo kurungika abasirikare bayo kuja kwicwa mu ngwano ziri hagati y’igisirikare ca Congo n’umuhari M23. Naho hoba hari amahera yatanzwe na Congo ayo mahera ntiyinjira mukigega c’uburundi. N’umwihwezo wa Gratien Rukindikiza umuhinga mubijanye n’igisirikare.  Kubwiwe biratangaje kubona abasirikare b’uburundi baguma bicwa bambaye impuzu z’igisirikare ca Congo. Akabona ko abo basirikare bafatwa nk’abacengero.
  7. Uyo muhinga asigura kandi ko abasirikare b’uburundi bashobora guta agatima ico bita démoralisation mugifaransa kuko bajanywe mu ngwano batazi neza inyungu zazo. Agasaba leta y’uburundi gukura abasirikare bose mugihugu ca Congo kuko bigaragara ko umuhari M23 ufise ubuhinga bukomeye cane gusumba igisirikare c’uburundi N’ubunyene .

Ibindi bisa n'ibi