Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/12/2023

Publié le 9 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Urunani COSOME rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike rwishinze gukurikirana ingene amatora agenda  rwakiranye rwakiranye agahinda kenshi igenwa ry’umurwi mushasha uzoba ujejwe amatora CENI. Justine Nkurunziza arongoye urwo runani COSOME avuga ko abarongoye uwo murwi,  bamwe baranzwe n’amabi bakoreye Abarundi, abandi bakaba baari mu mirwi ya CENI muri kahise , bafashije kwiba amatora yabaye. Justine Nkurunziza akaba agaruka ku turorero tumwe tumwe mu vyaranze ubwo busuma.
  2. Mu vyerekeye agateka ka zina muntu naho , igenekerezo ry’icenda ukwezi kwa Kigarama , n’umunsi mpuzamakungu wahariwe abaharanira agateka ka zina muntu. Ishirahamwe ESDDH ryishinze gushigikira abo bose baharanira agateka ka zina muntu bari mu bibazo , ribonako mu Burundi uwu mwaka w’i 2023 abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru batari bake , baturubitswe , barahagarikwa , barafungwa bidaciye mu mategeko. Iryo shirahamwe risaba abategetsi b’igihugu kwisubirako , bakareka abaharanira agateka ka zina muntu bakidegemvya bagakora akazi kabo hakurikijwe amategeko .
  3. Igenekerezo rya 9 Kigarama amakungu aranahimbaza umusi wahariwe kugwanya icaha c’ihonyabwoko. Uyu musi wibutsa ko kugwanya ihonyabwoko ari igikogwa c’umuntu uwariwe wese na cane cane abarongoye ama leta. Harakwiye gushingwa sentare icira imanza abakoze ihonyabwoko mu karere ka Africa y’ubuseruko yemewe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira abakoze ihonyabwoko mu Burundi bashigwe imbere y’ubutungane. Ivyo bisabwa n’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC Genocide igisata ca Canada. Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga w’iryo shirahamwe , asanzwe yaranonosoye ibijanye no kugwanya ihonyabwoko agasigura ko kubera ukudahanaivyaha  mu Burundi , abakoze ihonyabwoko  mu Burundi mumwaka wi 1996 nubu bacidegemvya.
  4.  KW’īsôko » :uno musi ico kiganiro gishimikira ku ngaruka zo kurungika abasirikare b’Uburundi mu ngwano ziriko zibera mu ntara ya Kivu yo mu buraruko muri gihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo.
  5. AMAKURU MAKURU MAKURU

Ibindi bisa n'ibi