Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/12/2023

Publié le 13 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Imyuzurira mu mirima y’ibikaju niyo yatumye ishirahamwe SOSUMO ririma kandi rigahingura isukari mu Burundi rihagarika imirimo. Ivyo vyemejwe n’umushikiranganji w’Uburimyi ku musi wa kabiri. Dodiko Prosper yabivuze ariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka, aho bamwe bari bafise amakenga ko hoba hari izindi mvo zoba zatumye iryo shirahamwe rihagarika ibikorwa vya ryo.
    Ariko n’aho ibikorwa vya SOSUMO vyahagaze, abadandaza, co kimwe n’iryo shorahamwe nyene, barafise uburenganzira bwo kurangurira hanze isukari. Mugabo rero ivyo bisa n’ibitazoborohera, kubera kugira bishoboke ar’uko bose bakeneye amafaranga y’agaciro. Ayo nayo akaba agoye kuronka muri kino gihe mu Burundi. Ivyo n’umushikiranganji w’Ubudandaji avyiyemerera. Marie Chantal Nijimbere akaba na we nyene yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka ejo ku musi wa kabiri.
    Ngo nta kindi gitumye ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO ryugara Atari ugusamara no kudategekanya kazoza birangwa muri Leta y’Uburundi. Bishikirizwa na Gabuliyeri Rufyiri arongoye ishirahamwe rijejwe kugwanya ibiturire OLUCOME. Ku bwiwe ngo ntahandi hazova umuti atar’uko iyo Leta isavye ingurane hamwe no kurondera amafaranga y’agaciro.
  2. Tukiri mumakuru ajanye n,ubutunzi Ubukene bw’igitoro buguma bwibonekeza mu mihingo yose y’igihugu buraraje ishinga urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta . Iryo shirahamwe ribonako abategetsi b’igihugu atanakimwe bariko barakora kugirango ikibazo c’ubukene bw’amafaranga y’agaciro gitorerwe umuti. Ubukene bwayo mafaranga ngo nibwo ahanini butuma habura ico gitoro. Urunani CFOR ARUSHA rusaba abo bategetsi kuva mu rudandaza rw’igitoro babihebere abadandaza bikorera utwabo.
  3. Abantu bane barimwo umukuru w’umutumba Gashasha wo muri komine n’intara ya Rumonge bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ca Rumonge kuva ku mutaga wo kuri uwu wa gatatu. Amakuru ava mu Rumonge avuga ko bagirizwa kunyuruza amafaranga agenewe imizibukiro kw’ibarabara ry’igihugu rigira gatatu, biciye mu bubeshi. Ayo makuru nyene yemeza ko hari n’abategetsi bo mu biro vy’intara ya Rumonge bavugwa muri iyo dosiye.
  4. Leta yarafashe ingingo yo kurandurana burundu ikoreshwa rya ma sachets mugihugu. Ariko igiteye amakenga nuko iyo ngingo iriko ikurikizwa kudusachets duto duto nayo ama sachets manini manini co kimwe namacupa bashiramwo imitobe itandukanye biguma bikoreshwa.Abanyagihugu basaba ko iyo ngingo yokurikizwa kuma sachets yubwoko bwose muntumbero yo gukingira ibidukikije.

Ibindi bisa n'ibi