-
Ano makuru tuyahere kwijambo ryintangamarara.Mbega Abarundi babaye abande? Muri kino gihe icibonekeza n’uko mu gihugu bisa n’uko ibintu vyose biriko birabura, kandi mu mihingo yose. Uhereye ku gitoro, n’ingaruka z’avyo zo kwunguruza abantu n’ivya nkenerwa, isukari, eka n’ibindi nk’umuyagankuba, ubu abanyagihugu barabura ayo bacira n’ayo bamira. Mu gihe hegereje imisi mikuru y’umwaka yimirije, radio Inzamba iribaza ico ijambo ry’umukuru w’Igihugu rizovuga mu bihe bigoye nk’ibi.
-
Muntara ya Ngozi ikiziga c’umwana w’umuhungu w’imyaka 7 catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kane mu gacimbiri Kibande , umutumba Kinyami muri komine n’intara ya Ngozi. Inkuru zitangwa n’abajejwe intwaro zimenyesha ko uwo mwana yishwe na se wiwe amunigishije umugozi. Uwo na we akaba yaciye atungwa n’ayo yameze. Abajejwe intwaro bagasaba abo barongoye ko hagufata ingingo zitabereye , bokwama nyabuna bitura inzego zibijejwe igihe cose hari ingorane mu muryango.
-
Haribonekeza muri ino misi muri iyo ntara indwara ya grippe itari imenyerewe ufatiye ku bimenyetso vyayo. Abajejwe amagara y’abantu bakavuga ko yaturutse kw’ihindagurika ry’ibihe, bahamagarira abantu bose bibonyeko ibimenyetso vy’iyo ngwara kwitura amavuriro abegereye kandi bagafungura imfungurwa zirimwo vitamine C.
-
Ba Bulamatari b’intara z’Uburundi zihana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya baragiriza bamwe mu ba nye Tanzaniya ko bahohotera Abarundi baja gusaba yo akazi, abandi bakabaka ibiturire, abandi na bo bagakora ntibahembwe. Ivyo bir’uko mu gihe abashika 2 890 bafashwe barapfungwa kuva mu kwezi kwa gatanu gushika mu kw’icumi na rimwe uno mwaka. Ivyo bakaba babishikirije kur’uyu wa kabiri mu nama y’abarongoye intara zihana imbibe hagati y’Uburundi na Tanzaniya yabereye muri komine Nyanza lac.
-
Tukiri aho nyene i nyanza lac Inkurikizi zifatiye kwikena ry,igitoro ziribonekeza muri komine Nyanza lac muntara ya makamba.Ibiciro vyivyankenerwa vyose vyaraduze incuro zibiri.Abanyagihugu basaba leta gutorera umuti ico kibazo cabaye akayoberabahinga.