Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/12/2023

Publié le 15 décembre 2023 par Rédaction
  1. Abasirikare b’uburundi bafadikanije n’urwaruka rw’imbonerakure baragirizwa gufata ku nguvu abagore b’aba congomani. Ivyo babikoreye muntara ya Kivu y’ubumanuko yo mu gihugu ca Congo  mumwaka wi 2022. Ivyo biri mucegeranyo casohowe kuruyu wa gatanu n’ishirahamwe rihananira agateka kazina muntu IDHB. Carina Terasakian umushakashatsi muri IDHB asigura ko mu matohoza bakoze asigura ko abagore batatu n’abana 12 b’aba congomani bapfunzwe n’abasirikare b’uburundi imisi itatu.
  2. Uyo mushakashatsi asigura ko intwazangabo zo mugisrikare zari zirongoye abandi basirikare mubanuko bwa kivu zakubaguye abantu abantu zongere zirica abantu. Muri IDHB bagababazwa nuko abo basirikare batigeze bakurikiranwa ahubwo bashimiwe n’ubutegetsi.
  3. Imyidogo nayo ni yose mubasirikare bahoze mugisirikare ca kera.Imvo nyamukuru akaba ari iyandikwa ryabo basirikare bonyene kugira bazorungikwe kurwana muri congo ngo kuko bamenyereye intambara. Basaba ko ivyo bintu vyohagarara kuko ari akarenganyo.
  4. Abasirikare b’Abarundi nabo bagiye mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego rw’Ubumwe bw’ibihugu vya Afrika ATMIS baridoga kuko baheraniwe agahembo kabo k’amezi 13. Ikibababaza ngo n’uko hasohotse umushahara w’amezi ane, ariko ngo ntibigeze bamenya iyo wakamanganiye. Basaba ababijejwe kubatunganiriza kugira ngo bashobore gutunga imiryango yabo.
  5. Ubutunzi bwu burundi bugeze aho umwansi ashaka.Ubukene n,inzara bizura inzara. ntamafaranga yagaciro mugihugu ahari, ubukene bw’igitoro bwansongereye isibe, leta nayo ikaba atakiintu iriko irakora zogushigikira ibihingurirwa mugihugu kugira hagabanywe ibigurirwa hanze. Ivyo bivurwa na Andre Nikwigize umuhinga muvyubutunzi mumuhari Map Burundi aho avuga ko ikindi kibazo gikomeye kijanye nintwaro ibereye ibuze mugihugu.
  6. Uburundi ngo burakeneye abahinga mpuzamakungu kugirango buronke inzego n’amategeko bikomeye kugirango igiturire gishobore kuranduranwa n’imizi , ivyo vyasabwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya Leta  Olucome . Hakaba hari ejo mu nama mpuzamakungu yo kugwanya igiturire yabereye i Atlanta muri leta zunzubumwe za Amerika. Gabriel  Rufyiri yaraneguye ingene imvugo z’abategetsi b’Uburundi zitajana n’ingiro mu gikorwa co kugwanya igiturire .

 

Ibindi bisa n'ibi