Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/12/2023

Publié le 18 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Abarundi bakorewe ivyaha mu magume yo 2015 bafise ama dosiye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha barashobora kwikurikiranira bonyene ingene imanza zabo ziriko ziragenda muri iyo sentare, ivyo bimenyeshwa n’amashirahamwe CB CPI na SOS TORURE asanzwe akurikiranira hafi ivy’izo manza. Ayo mashirahamwe amenyeshako hariho FICHE uwuvyifuza wese abanza kwuzuza, maze agashobora kuronka ubwo burenganzira. Dutegamatwi umushingwamanza Lambert Nigarura arongoye ishirahamwe CB CPI akaba yaserukiye n’ayo mashirahamwe uko ari abiri.
  2. Isubirwamwo ry’ukungene amafaranga ya reta azokoreshwa ntaco rizovamwo mu gihe reta itaretse gukoresha nabi amafaranga canke ngo irwanye koko ba kaboko. Uwo n’umwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM. ivyo abivuze mu gihe Inama y’abashikiranganji ihirutse gufata ingingo yo guhagarika ibikorwa bimwe bimwe kugira igabanye ibibazo ku mafaranga yateguwe gukoreshwa.
  3. Faustin Ndikumana ahanura kandi reta kwisunga icegeranyo giheruka gusohorwa n’abahinga, hama impinyanyuro y’amafaranga iheruka gukorwa nayo nyene igashirwa mu minwe y’abahinga. Uwo arongoye PARCEM avunira kandi akagohe reta ko yovavanura no gukoresha amafaranga mu bintu ata co vyinjiza.
  4. Kwigenekerezo rya 18 Kigarama amakungu arahimbaza umusi wahariwe abimukira. mu Burundi uyumusi ushitse abarundi batari bake bahura n’intambamyi zitari nke mugihe bashaka kuja kurondera ubuzima mubindi bihugu.  Mw’itanganzo ryasohowe kuruyu musi n’ishirahamwe ryihinze kugwanya urudandazwa rw’abantu mu Burundi ONLCT ou est ton frère basigura ko abarundi batari bake ahanini babura ivyangombwa vyo kugenda kurondera ubuzima mubindi bihugu. Umushingwamanza Prime Mbarubukeye arirongoye agasaba leta y’uburundi gushira igikumu kumasezerano akingira abimukira kugira agateka k’abarundi bakorera hanze gashobobore gukingigwa.
  5. Abanyagihugu bamwe bamwe bo mu ntara ya Muyinga ngo baradebukiwe m’urugamba rwo kugwanya ikiza ruhonyanganda Sida nkuko bimenyeshwa n’umuhanuzi wa Buramatari Jean Berchimas Mpabasi. Afatira ku cegeranyo ca gizwe n’ibiro vy’amagara y’abantu mu ntara ya Muyinga, aho abantu bashasha barenga 490 banduye uwo mugera guhera muri nzero 2023. Umutumba wa Murama ngo ukaba mu ntara yose ariwo uriko abantu bashasha benshi banduye uwo mugera mur’uno mwaka.
  6. Imyidogo nayo ni yose mubakutsakivi bakukira ubuyobozi bw’indero muri komine Mutaho dans la province de Gitega..Invo nyamukuru baheraniwe  umwe wese agashahara kangana 55.000. Iruhande y,ivyo bavuga ko mumasezerano mashasha bateyeko igikumu muri uyo mwaka w,ishule basanze harimwo uruhombo. basaba ko ayo masezerano yosubirwamwo bakanaronswa udufaranga twabo.
  7. Umukuru w’igihugu evariste Ndayishimiye asaba abagenywe mumabaga y,igihugu ko batokwemera kuremerwa nabantu biyita ibihangange kubera ibibanza bafise haba mumabanga bashinzwe mubisata bitandukanye vy,ubvuzima bw,igihugu canke mumugambwe uri kubutegetsi.Asaba ko abo bizoshikira bobimumenyeha.Evariste Ndayishimiye yabivuze kuruno wambere igihe yariko ashikiriza  Tantine Ncutinamagara buramatari mushasha wa Makamba.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi