-
Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo mu ntara ya Cankuzo. Imvo nyamukuru, nuko abanyagihugu bose basabwa gutanga intererano yo gutegura igikorane c’umuryango w’umukuru w’igihugu co gusozera umwaka, kizobera muri iyo ntara kuva kw’igenekerezo rya 26 gushika 30 kigarama nkuko bigaragara mu rwandiko rwateweko igikumu na buramatari wiyo ntara Banyiyezako Boniface. Uretse abakozi ba leta n’abikorera ivyabo, umunyagihugu muto asabwa amafranga igihumbi kuduga, ivyo abo banyagihugu babonamwo ubusuma.
-
Urunani Cfor Arusha ruriyamirija amafranga ariko aratozwa kugira hatunganywe igikorane c’umuryango w’umukuru w’igihugu co gushimira Imana, ibikorwa urwo runani rubonamwo intumbero za politike aka nyungu nimwe abanyagihugu bagikuramwo. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani aributsa umukuru w’igihugu kwama yibuka gushira imbere inyungu z’igihugu kurusha iz’umuryango wiwe.
-
Abarimyi b’ikawa mu ntara ya Muyinga baridoga ko bagurisha umwimbu wabo ku mafaranga y’intica ntikize, make baronse ngo aherere mu bikogwa vyo kubungabunga imirima y’ikawa ngo ntihagire ico basigaza ngo bikenure. Gilbert Itangishaka, ajejwe gukurikirana akanonovera k’ikawa mu kigo ODECA, mu gice co m’uburaruko ntiyemera uwo mwitwarariko w’abarimyi ahubwo akavuga ko leta y’ama yagiriye akigiro gakomeye abarimyi b’ikawa mu kubadugiriza igiciro.
-
Urudandaza rwa magendu rwarimonogoje mu ntara ya Makamba kurusha ahandi. Abacamanza bagaca bavyunyura kubera bahabwa ibiturire abafashwe bagaca barekurwa. Ivyo binegurwa n’umukuru w’Igihugu. Evariste Ndayishimiye yabivuze ku musi wa mbere aho yariko ashikiriza buramatari mushasha wa Makamba Tantine Ncutinamagara. Akagabisha abo bacamanza ko na bo bazohanwa mu gihe babandanije bigenza uko.
-
Birateye agahinda kumva Leta ivuga ko igiye gutunganya amahera gushasha kandi biboneka ko mu nzego za Leta hari ho ikoreshwa nabi ry’ubutunzi bw’igihugu. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM, hari mu ruganda iryo shirahamwe ryagize ku bijanye no kurabira hamwe ingene inzego za Leta zitunganya imigambi zishinze. Faustin Ndikumana akavuga ko iyo igihugu kidakurikirana ko amategeko akurikizwa neza ngo ni agahombo kanini.
-
IMbere uo gusozera ano makuru dukubitire mw’ikambi y’impunzi z’Abarundi bari i Lusenda mu gihugu ca Kongo, ahari imyidogo ko bamaze imyaka ibiri ivyangombwa vyerekana ko ari impunzi vyarataye igihe. Ingorane bibatera, ngo n’uko bahevye ingendo zimwe zimwe kuko batinya gufatwa, bagasaba Leta ya Kongo n’igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR kubaronsa ibindi vyangombwa biranga impunzi.