Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/12/2023

Publié le 20 décembre 2023 par Rédaction

 

  1. Bari bababa ijana imbere y’ubuserukizi bw’u Burundi mu gihugu c’ububirigi ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, basaba irekurwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye uno munsi apfungiwe mw’ibohero rya Bubanza. , aujourd’hui détenu dans la prison de Bubanza. Ico gikorwa kikaba catunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International. Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru b’abarundi UBJ yari murivyo bikorwa, yibukijeko ikibanza c’umumenyeshamakuru atari ibohero ari naco gituma Floriane Irangabiye yategerezwa kurekurwa atagisabwe.
  2. Abasirikare b’u Burundi batahukanywe banse guhangana n’umuhari m23 baratabarizwa na bagenzi babo ko bafungurirwa nabi cane aho baronswa ibifungurwa vy’ibiharage rimwe Ku musi kandi bidakaranzwe. Ivyo abasirikare bita ibi sanshuiles. Hagati aho abandi basirikare bafise ubwoba ko bashirwa Ku ntonde zabagiye kujanwa gufasha abandi basirikare basigaye mu ntara ya Kivu ya ruguru.
  3. Imyidogo ni myinshi mu banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi. Bavuga ko kuva hugawe ikigo cahora kibagaburira. Agafashanyo baronka k’ibihumbi 60 vy’amarundi ngo ntakwiye kuko ibifungugwa vyazimvye mu gihe koko kagumye ari ka kandi. Ngo baharuye ibifungurwa bafatira mu mazu y’uburiro mato mato nk’ayo mu Nyakabiga, bafunguye kabiri ku musi, ngo bariha ibihumbi 120 000 ku kwezi kuko agasahani kamwe gasigaye kagugwa amafaranga 2 000. Basaba Leta kubagarukira ku neza y’abo n’iy’igihugu.
  4. Umupfasoni Marie Chantal Niyonzima ni we yatowe n’abagize inama mpanuzwajambo  ya komine Nyabihanga yo mu ntara ya Mwaro kugira ngo arongore iyo komine, kuri uwu wa gatatu. Uwo mukenyezi asubiriye Gérard Nizigiyimana, aheruka kubogozwa yagirizwa gusesagura amatungo y’iyo komine, nk’uko amakuru ava muri iyo komine avyemeza. Marie Chantal Niyonzima abaye umusitanteri agira gatatu agiye kurongora iyo komine kuva mu mwaka wa 2020, inyuma ya Adrien Ntunzwenimana na Gérard Nizigiyimana bose babogojwe bagirizwa ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu.
  5. Mu ntara ya Muyinga aho bamwe mu bunguruza abantu ku mapikipiki mashasha ataraja ko imparati baridogera abapolisi bajejwe uruja n’uruza n’umutekano mw’ibarabara ko bababuragiza mu kazi ka bo mu kubafatiira amapikipiki no kurihishwa ihadabu. Kubw’abo ngo ni akarenganyo bagirirwa n’ico gipolisi mu gihe baba baramaze kurihira izo mparati ariko zigatebera kuboneka mu kigo cegeranya amakori n’amatagisi OBR. Abajejwe uruja n’uruza mw’ibarabara bo bamenyesha Ko iyo myidogo ata ho ifatiye kuko amategeko ategekanya kw’atacuma gifise imoteri kija mw’ibarabara kitagira imparati.
  6.  Buramatari wiyo ntara canke umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bari bakwiye guhagarika ingingo yo gutoza amafaranga mu banyagihugu bo mu ntara ya cankuzo yiswe ko arayo gutegura igikorane c.umuryango w,umukuru w,igihugu kizobera muri iyo ntara kuva kw,igeneke rezo rya 26 gushika 30 za kuno kwezi.Ivyo bivurwa na Gervais Nibigira icegera c’umukuru w’ishirahamwe RCP rihimiriza abarundi kuba intungane ngo  kuko munteguro y,amafaranga leta yategekanije gukoresha uyu mwaka hariho imiliyoni 300 zitegekanijwe kuri ico gikorwa gisanzwe kiba buri mwaka. Gervais Nibigira akabona ko ayo yandi mafaranga ariko aratozwa atansiguro afise.
  7. Kwanka guha ikarata ndangampunzi nshasha impunzi z’abarundi ziba mw’ikambi ya Lusenda mu gihugu ca Kongo iharanira intwaro rusangi, ngo ni nk’ukubabwirako ico gihugu kitakibakeneye. Ivyo bivugwa n’urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta, ni mu gihe izo mpunzi zimaze igihe kinini zisaba ko bohindurigwa ikarata ndangampunzi kuko izo bahorana zimaze imyaka ibiri zarataye igihe. Urunani CFOR ARUSHA rubonako izo mpunzi zatswe uburenganzira bwabo, rugasaba leta ya Kongo iharanira intwaro rusangi n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi HCR kwikubita agashi, bagatunganiriza izo mpunzi hakurikijwe amategeko mpuzamakungu bijanye.

Ibindi bisa n'ibi