Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/12/2023

Publié le 21 décembre 2023 par Rédaction
  1. Umusore azwi kw’izina ry’iritazirano rya YOSUWA yaraye yishwe akubiswe amahiri n’urwaruka rw’imbonerakure Ivyo vyabereye ku musozi Butezi uri muri komine ya Giharo mu ntara ya Rutana. Bakaba bamugandaguye bamwita umusuma,  ivyo abo mu muryango iwe bamirira kure , ahubwo bagasaba amatohoza kugirango abakoze ico caha bahanwe.
  2. N’imboneka rimwe ko reta yemanga ibibazo bimwe bimwe. Ariko umushikiranganji w’Ubudandaji we aremeza ko igihugu gikenye amafaranga y’agaciro. Marie Chantal Nijimbere avuga ko ari na co gituma nyamukuru hari ikena ry’urutavana ko ry’igitoro. Uwo mushikiranganji yabivuze ariko yishura ku bibazo vy’abakenguzamateka ejo ku musi wa gatatu, aho yongeye ko avuga ko no munteguro zo kuzana igitoro hari mwo inzitizi.
  3. Imiryango ishika 56 yo ku mutumba Mihigo, agacimbiri Bibungo muri zone Tura ,komine Giteranyi y’intara  ya Muyinga niyo iri mungorane kuva kuruyu wagatatu bivuye kumvura nyishi yaguye. Basaba kuronswa imfashanyo y’ibisakazo n’ibikoresho vyo mu nzu bimwe bimwe. Iyo mvura ikaba  yasamburye amazu, amabati yose akaguruka, ayandi mazu arabomoka nkuko vyemezwa n’amakuru ava mu bajejwe intwaro kur’uwo mutumba. Ido n’ido na Pierre Gahungu
  4. EL
  5. Tuvemuntara ya Muyinga dukubitire muri  muntara  ya Rumonge aho havugwa imyidogo mu banyagihugu bo muri komine Rumonge. Bavuga ko kuva kur’uyu wa kabiri uheze bugariwe amabombo y’amazi rusangi kuko bishuzwa amahera bari batarishe mu kiringo c’umwaka urenga. Bemeza ko ayo mahera n’aho bariko barayakwa umushikiranganji wa mbere yari yatanze itegeko mu mwaka uheze w’2022 ko batosubira kuyarihishwa kubera ikiza ca covid 19.
  6. Ntamutegetsi n’umwe arekuriwe gutoza amafaranga abanyagihugu y’itwaje ngo nayo kurangura ibikorwa ibi na biriya. Ico gikorwa cagenewe ikigo kijejwe kwegeranya amakori na matagisi OBR Ivyo bivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem n,inyuma yaho buramatari w’intara ya Cankuzo asohoreye urwandiko rutegeka abanyagihugu bose biyo ntara gutanga intererano yo gutegura igikorane c’umuryango w’umukuru w’igihugu k’izosozera umumwaka.Faustin Ndikumana avuga ko buramatari w’intara ya cankuzo yahonyanze amategeko harimwo n’itegeko ryo kurwanya ibiturire.

 

Ibindi bisa n'ibi