-
Umunyororo w’imyaka indwi n’indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni cumi na zitandatu n’ibihumbi amajana abiri , nico gihano sentare nkuru yaciriye , ku muhingamo wo kuri uwu wa kane , Hasabumutima Patrice . Akaba yagiriwe n’icaha c’ubusuma bukabije inyuma y’aho afatiwe mw’ijoro ryo ku musi w’Imana uheze ariko agerageza kwiba ku bitaro bikuru vy’intara ya Kayanza. Mu gihe atoriha iyo ndishi y’akababaro asabwa , akazoca acirirwa umunyororo w’ imyaka 80 n’amezi 6 . Uwo mugabo w’imyaka 43 akaba yari asanzwe akora mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi , ishami ryo mu Kayanza.
-
kuva ku musi wa kabiri w’iyi ndwi turimwo hari abagabo batanu bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi mu gisagara ca Kayanza . Bakaba bikekwa kuba barishe umugabo w’imyaka 30 wo mu bwoko bw’abatwa yariko agerageza kwiba mu kigo c’ isengero katolika rya paroisse Kristu Mwami riri mu gisagara ca Kayanza. Ivyo bikaba vyabaye mw’ijoro ryo ku musi wa mbere buca ari ku musi wa kabiri. Abajejwe intwaro bagasaba abanyagihugu kutihanira ahubwo ko boza baritura inzego zibijejwe mu gihe cose hafashwe inkozi y’ikibi.
-
Ishirahamwe ACAT BURUNDI rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu , rirarajwe ishinga n’ingene abantu bafungiwe mu gasho ka parquet yo mu ntara ya Makamba bafashwe nabi muri iyi misi . Iryo shirahamwe risaba abajejwe ubutungane muri iyo ntara no ku rwego rw’igihugu guhana abakorera amabi abo banyororo .
-
Umugwi w’igihugu ukurikirana ivyerekeye n’agateka ka muntu CNIDH , uratera ivyatsi igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cahitanye ubuzima bw’abanyagihugu 20 mu karere ka Vugizo, zone Gatumba, muri komine ya Mutimbuzi. Mw’itangazo uwo mugwi washize ahabona kuri uno wa kane, Sixte Vigny Nimuraba awurongoye yasavye leta gukora amatohoza yihuta kugira abakoze ubwo bwicanyi mu ndwi iheze bamenyekane, bongere bashengezwe mubutungane.
-
Abanyagihugu bo ku mutumba Nkurye muri zone na commune Giharo mu ntara ya Rutana basaba ko itongo ryo gushingura mwo abapfuye barisubizwa bakaronka aho bashingura ababo, hanyuma akarwi k’abantu baridandaje kagahanwa. Iryo tongo ry’abapfuye riri mu gacimbiri Rutoki ngo vyamenyekanye ko ryadandajwe muri uku kwezi kwa kigarama.
-
Agateka ka zina muntu karahungabanye mur’uno mwaka w’i 2023 tugiye gusozera. Intege nke z’inzego za Leta ziri mu vyatumye ako agateka gahungabana . Abantu batari bake barakorewe amabi atandukanye, bamwe bafungiwe ubusa, abanyororo baba umurengera mu mabohero n’ibindi n’ibindi. bugoyagoya.