-
Abantu bidoga ko ibiciro vy’ivyankenerwa vyaduze kw’isoko, boja kuvyironderera. Ubwo ni ubutumwa umukuru w’igihugu yahaye abarundi kuri uno wa gatanu, hari mu kiganiro yaremesheje mu ntara ya Cankuzo. Kubwa Evariste Ndayishimiye, umurundi wese yategerezwa kugira stock y’imfungurwa nkuko abikora mu kirimba iwe.
-
Icari caratumye uburundi buramba n,uko hari abakuru bibihugu bunviriza abanyagihugu bicishije bugufi mugutorera umuti ibibazo baba bafise.Ubu rero ngo birateye agahinda kubona umukuru w,igihugu y,ifatira abarundi ko ari abanebwe .ivyo bivurwa na vital nshimirimana arongoye urunani forsc aho mavuga ko nyabuna umukuru w,igihugu y,ategerezwa kwereka abarundi imigambi irashe bo kwisunga kugira bave muri ubu bukene n,inzara izura inzara hakwirirwa arabatyoza.
-
Ivyumukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye avuga afatite kuvyo abanyagihugu bavuga ko ubuzima bwazinvye akabita ibinebwe n,ukubashinyaguriza kandi vyerekana ko atabitayeho,Ivyo bivurwa na jean Bosco Rwigemera icegera c’urunani CFOR Arusha aho avuga ko nayo matongo umukuru w,igihugu avuga ko akuramwo umwimbu arayo yanyaze abanyagihugu. Ikindi naco nivyo n,uko ivya fise abikesha abanyagihugu batanga amakori n,amatagisi.Jean Bosco Rwigemera avuga ko iyo nvugo iteye isoni.
-
Ejo aho bukera umwaka uzoba wisoje. Ariko rero ubukene bwugarije Abahrundi ngo ntibarota bagira umusi mukuru nk’uko vyahora mu myaka iheze. Abaganiriye na radio Inzamba bavuga ko ikivyunyura ari ibura ry’igitoro, utibagiye ibiciro vyaduze cane kandi imishaharayo yagumye hahandi.
-
Imyidogo ni yose mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Lusenda iri mugihugu ca Congo. Imvo yavyo vyaturutse k’umugwi w’igihugu CNR ujejwe impunzi murico gihugu wankiye uwahora atwara iyo kambi gusubira kwitoza kugira ayirongore. Impunzi zahahungiye zikavuga ko ata nsiguro nimwe zahawe zerekana igituma uwahahora atokwitoza murayo matora.
-
Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku mvugo y’urwanko yaraye ishikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi ku bijanye n’abahuza ibitsina babisangiye. Turagaruka ku ngaruka iyo mvugo ishobora gutera hamwe n’impanuro zitangwa n’abaharanira agateka ka zina muntu.
-
Ivyanditswe nibinyamakuru bitandukanye ku Burundi