-
Ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu hari umugwi w’abanyagihugu bo mu gacimbiri Rutanga , umutumba Rusuguti muri komine n’intara ya Ngozi , wugarije ku biro vya komine Ngozi. Abo banyagihugu bakaba basaba abajejwe intwaro ko bofata uwabiciye uwabo . Hakaba hari inyuma y’aho akubitiwe gushika arapfa mw’ijoro ryo ku musi wa kane mu gacimbiri Bitanga, umutumba Kanyami wa komine Ngozi nyene.
-
Mu ntara ya Rutana abanyagihugu batari bake bo muri komine ya Giharo barasaba bashimitseko abagandaguye Japhet Mukeshimana yahora arongoye igipolisi muri iyo komine bocirwa urubanza maze bakishura amabi bakoze. Abo banyagihugu bikekako hari abategetsi mu ntwaro no mu mugambwe cndd fdd boba bariko baraburizamwo amatohoza .
-
umwana umwe afise hafi y’imyaka 4 yaraye apfuye, amazu atari make nayo arabomoka kubera n’imvura nyinshi yaguye kuruyu wagatanu mw’ ikambi y’impunzi ya Nduta iri mugihugu ca Tanzaniya. Iyo mvura imaze imisi igwa ikaba yaheruka no guhitana abantu batanu batwawe n’inzuzi zikikuje iyo kambi ya Nduta. Impunzi zisaba ishirahamwe HCR kubagarukirako mumagura masha.
-
Kw’isoko: Uno musi tugaruka ku majambo yashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi Cndd-Fdd Révériyano Ndikuriyo, aho yemeza ko gusubira kuntwaro y’umugambwe umwe ataco bitwaye.
-
Amakuru yanditswe n’ibimenyeshamakuru muri iyi ndwi turiko turasozera