Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/01/2024

Publié le 11 janvier 2024 par Rédaction
  1. Imbibe hagati y,uburundi n,igihugu kibanyi c,urwanda n,uburundi z,ugawe kuva kuruno w,akane.ivyo vyamenyeshejwe n,umushikiranganji w,intwaro yo hagati mugihugu Martin NiNteretse Mmugihe yariko agirisha inama abajejwe ibisata bitandukanye muvyintwaro,Umushikiranganji Ninteretse akavuga ko invo nyamukuru aruko uburundi Bufise umubanyi mubi.
  2. Mumakuru naho ajanye n,ubutungane uno musi ni ho umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yarengutswa muri sentare ntahinyuzwa mu gisata cayo ca gasamburamanza. Mu ntahe y’icese abari bahari bavuze ko yamaze iminota itarenga cumi, ababuranira Floriane Irangabiye bakaba besubiye kwerekana ko ikirego c’uko yahungabanije umutekano w’igihugu ata ho gifatiye, n’ingene urwo rubanza rwagiye rurarangwa n’amanyanga. Bakaba basavye ko igihano yaciriwe c’imya ka cumi y’umunyororo n’ihadabo ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi bakimukura ko. Urubanza rukaba rwaciye rushirwa mu mwiherero. Tubibutse ko Floriane Irangabiye yafashwe itariki 30 Myandagaro, ubu akaba apfungiwe mw’ibohero ry’I Bubanza, aho aheruka kwimurirwa akuwe I Muyinga.
  3. Hari umusirikare yapfuye mundwi iheze mu gisagara ca Bujumbura inyuma yuko yankiwe kuvugwa. Uwo musirikare yari yagize isanganya mw’ibarabara haraheze indwi. Amakuru atangwa n’abasirikare bagenziwe akavuga ko itegeko ryo kwankigwa kuvugwa ryatanzwe n’umusirikare w’ipete rya General akaba yavuze ko agira ajanwe kuvurizwa kubindi bitaro.
  4. Ubwicanyi, urwanko, ugukumirana, kwomora abantu n’intwaro itabereye, ni bimwe muvyatumye imigambwe n’amashirahamwe ya politike yihaye intumbero yo gusubiza umutamana amasezerano y’i Arusha, yandikira urwandiko ibihugu n’abategetsi batandukanye bahagarariye iterwako umukono ry’ayo masezerano, basaba yuko yokurikizwa uko yanditse. Muriryo kete, honorable Léonce Ngendakumana yariteyeko umukono akaba yahoze arongoye inama nshingamateka, aributsa ingene amasezerano ya Arusha yari yatumye abarundi babana mu bumwe bagasubiza hamwe, arinaco gituma vyihutirwa kwasubira gukurikizwa.
  5. Umushikiranganji w,amagara yabantu Domine Banyankimbona aremeza ko abaganga babahinga baja kurondera akazi hanze kuko mu Burundi bahembwa amafaranga make,Ivyo yabivuze kuruno w,agatatu mugihe yariko yishura kubibazo vyabashingamateka aho yavuze ko muburundi umuganga w,umuhinga ahembwa 650000 y,amarundi nayo iyo agiye mugihugu kibanyi c,urwanda aronka1300000 yamafaranga y,urwanda,iyo agiye mugihugu ca kenya hoho afata amadorari 3000,kubwa faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe parcem Kubona abaganga baguma baja hanze kuronderayo akazi bituma igisata c,ubuvuzi gisubira inyuma cane mu Burundi. Uyo muhinga muvyubutunzi abona ko umuti ushoboka kugira abaganga ntibagume bahurumbira hanze aruko Leta yobahemba neza.ivyo navyo kugira bishoboke n,uko leta yotunganya gushasha ingene ikoresha amafaranga ikareka gushira uburyo mubisata atamwimbu uboneka bizanira igihugu.
  6. Igisata cerekeye imibano n’ubutunzi nticatunganijwe neza mu Burundi muri uwu mwaka urangiye w’i 2023, Ivyo biri mu cegeranyo giherutse gukorwa n’urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike. Urwo runani rukavugako ibisata vyasinzikaye cane ari ibisata vyerekeye inyigisho mu mashuli, igisata c’ubutunzi , akazi n’amatongo . Urunani rugasaba leta kwikubita agashi kugiranago ikosore ibitagenda neza ku neza y’abanyagihugu bose.
  7. Amazi asigaye ari nk’umuzi w’ibuye mu ma karitiye y’uburaruku bw’igisagara ca Bujumbura. Ababa mur’ayo ma karitiye bavuga ko bashobora kumara ukwezi kwose batabonye ima ry’amazi mu mabombo. Kugira ngo baronke na makeya bakoresha, bikora ku banyonzi b’amakinga bunguruza abantu n’ibintu, abo na bo bakabaca amahera ari hagati y’500 n’1000 ku bido y’amalitiro 25. Basaba ishirahamwe rijejwe amazi n’amatara REGIDESO kubaronsa amazi amagara yabo atarabangamirwa.
  8. umutumire wo mu makuru:Leonce Ngendakumana umwe mubateye igikumu kurwandiko imigambwe n,amashirahamwe yiyemeje kunagura amasezerano yi Arusha barungikiye ibihugu n,amashirahamwe yahagariki itegwako igikumu ryayo.

Ibindi bisa n'ibi