Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 13/01/2024

Publié le 13 janvier 2024 par Rédaction

 

  1. Abantu batatu barafashwe kuri uwu wa gatanu mu gihe bariko baragerageza kujabuka binjira mu Burundi bava mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Muri kino gihe imiryango yabo ikavuga ko itazi aho ababo bapfungiwe. Bakavuga ko bafise amakenga ku mutekano wabo.
  2. Hari Abanyarwanda bariko barirukanwa mu Burundi kandi bamwe bakanahohoterwa, leta y’Urwanda yo irahumuriza Abarundi baba mur’ico gihugu. Icegera c’umuvugizi wa leta y’Urwanda, Alain Mukurarinda, avuga ko Abarundi bafise uburenganzira bwo kwishira bakizana, ko ata co botinya. Agasaba ko n’Abanyarwanda bari mu Burundi bokingirwa, no mu gihe bariko baratahukanwa. Alain Mukurarinda yongera avuga ko ibibazo uko vyoba bimeze kwose vyoca mu biganiro kugira bitorerwe umuti.
  3. .Uburundi bwarateye igikumu kumasezerano yo kw,ishira no kw,izana mubihugu bigize umuryango wa Afrika y,ubuseruko mumwaka wi 2010. Kubona rero leta yarafashe ingingo yo kwugara imipaka ihuza igihugu c,Uburundi n,urwanda yarahonyanze amategeko agenga uyo muryango,Ivyo bivurwa n,umushingwamanza Dieudonne Bashirahishize aho avuga ko kubera ibibazo vy,ugarije uburundi kandi leta atanyishu ifise yo kubitorera umuti yashimye kurondera abo ivyegekako.
  4. Umushingwamanza Bashirahishize avuga ko amasezerano y,ibihugu bigize umuryango w,Afrika y,ubuseruko ategekanya ingene ibihugu bishobora gutora umuti iyo bigiranye ibibazo.T
  5. Bamwe mubanyagihugu bo muri commune Giharo ni muntara ya Rutana basaba ko abagandaguye Japhet Mukeshimana yahora arongoye igipolisi muriyo komine hamwe n’ababatumye boshirwa ahabona. Ivyo babivuze inyuma yaho havugwa ko bamwe mubajejwe intwaro n’abarongoye CNDD FDD bariko bagerageza kuburizamwo amatohoza.
  6.  Kw’isoko: Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku kibazo c’abaganga b’abarundi baja kurondera akazi hanze y’igihugu, ibica bituma ibitaro bibura abaganga babinonosoye. Ico kibazo kikaba gihagaritse umutima abatowe n’abanyagihugu co kimwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
  7. Ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi

Ibindi bisa n'ibi