-
Urwandiko rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu rwandikiwe uwurongoye umugambwe CNL rumwagiriza kwifadikanya n’umugwi yise w’iterabwoba ntirwakiriwe neza nagato n’umushingamateka Agathon Rwasa. Akavuga ko urwo rwandiko rw’umushikiranganji rufise ikindi runyegeje kuko kubona hari abarundi bandikiye abahagarariye amasezerano y’amahoro y’i Arusha atagikogwa c’iterabwoba nakimwe kirimwo. Umushingamateka Agaton Rwasa akibaza niba abahagarariye amasezerano y’amahoro yi Arusha bandikiwe urwandiko bakora nabo ibikogwa vy’iterabwoba. Agasaba ubushikiranganji guhagarika ivyo bikogwa vyo gushaka kunumya uruhande rumwe rw’abarundi basaba ivyo bahabwa n’uburenganzira bw’ibwirizwa shingiro.
-
Urwo rwandiko rw’umushikiranganji w,intwaro yo hagati ngo ruteye isoni n,agahinda kandi iyo mvugo ibandanya yonona ishusho y’igihugu. Ivyo bivurwa na Chauvineaux Murwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga uri muri mubateyeko umukono urwandiko bandikiye abahagarariye amaszerano yi Arusha. Akavuga ko ubutegetsi bwa cndd fdd ahubwo aribwo bufise ubwoba kuko bwasenyuye inkingi y’amasezerano ya Arusha uburundi bwari bwubakiyeko.
-
Bamwe mu bapolisi b’uburundi bariyamiriza ingene itangwa ry’ibikoresho bishasha vy’akazi ririko riragenda. Bavugako batumva ingene bataronswa ivyo bikoresho bigizwe n’impuzu , ibirato n’inkofero nk’abandi. Basigurako ko bakumiriwe ku mvo zidafashe, ngo ntibabona ingene bazobandanya bakoresha ibikoresho basanzwe bafise vyinshi vyaratabaguritse.
-
Abantu basabiriza basigaye ari benshi mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe mu myaka iheze abasabiriza baja ahahurira abantu benshi ubu ubasanga hose mu mabarabara haba mu makaritiye canke ahandi. Ikidasanzwe ngo n’uko n’abantu bakomeye basigaye basabiriza, urwaruka narwo rugaheba amashure kugira ngo ruje gusabiriza. Ivyo vyose ngo bitumwa n’ubukene buri mu miryango, ibintu bikaba vyatanguye kuyangara kuva aho hatanguye kubura ivya nkenerwa nk’igitoro n’ibindi. Abanyagihugu basaba Leta gutorera inyishu ikibazo c’ubukene buri mu miryango aho kugara imipaka barondera ingorane aho zitari.
-
Abanyagihugu bari barahawe ibibanza mw’isoko nkuru ya Muyinga bakagira amasezerano yo kwiyubakira ngo barahimbawe n’ingingo nshasha yafashwe na Reta yo kubasubiza uburenganzira k’utuzu tw’idandarizo twaheruka kwegurigwa abari badupanze n’ikigo gitoza amakori n’amatagisi OBR hari muri Gitugutu k’umwaka uheze, abari baratwubatse bagataha zirayoye. Musitanteri wa komine Muyinga, Amedee Misago, akamenyesha ko hashinzwe umugwi wo kunywanisha izo mpande 2, ku neza ya bamwe n’abandi.
-
Turangirize kuri za nkino z’igikombe ca Africa ziriko zibera muri Cote d’Ivoire, ico gihugu caraye gitangaye mu gutsindwa na Nigeria igitsindo kimwe ku busa mu rukino rwo mu muce A ari narwo abanya cote d’Ivoire isinzi bari bahanze amaso. Cote d’Ivoire rero ubu isa niyiri muyabira narirya izo nkino ziriko zibera muhira, abanya cote d’Ivoire bakaba bari bizeye ko bashobora gutwara ico gikombe ariko ubu bakaba bashobora no kuvamwo mu bambere kuko mu muce A cote d’Ivoire iri mu kibanza ca gatatu inyuma ya Nigeria na Guinée Equatoriale, Guinée Equatoriale yaraye itsinze Guinée Bissau ibitsindo 4 kuri 2. Cote d’Ivoire iri mu kibanza ca gatatu nayo Guinée Bissau ni iya 4. Mu muce B naho, Minsiri yaraye inganije na Ghana ibitsindo bibiri ku bindi. Ghana nayo nyene ntiyorohewe na gato kuko no mu rukino rwambere yari yatsinzwe na Cap vert ibitsindo bibiri kuri kimwe nayo yari yanganije na Mozambique bibiri ku bindi, aha mukunva ko kugirango Ghana ironke uburenganzira bwo kubandanya bitazoyorohera.