Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/01/2024

Publié le 18 janvier 2024 par Rédaction
  1. Umushikiranganji w,intwaro yo hagati mugihugu Martin Ninteretse kuruno wagatatu yarandikiye umukuru w,umugambwe CNL Agathon Rwagasa amugabisha ko yagiye murunani rw,umurwi w,iterabwoba rugizwe n,imigambwe n,amashirahamwe y,iyemeje guhagararira amasezerena y,i Arusha, Urwo runani rukaba rubicishije kuri Leonce ngendakumana rwari ruherutse gutera igikumu k,urwandiko rwarungikiye abakuru bibihugu vyo mukarere n,abahagarariye amasezerano yi Arusha babasaba ko ayo masezerano atogenda akagirire kandi harico yafashije kugira abarundi basubire hamwe.Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CEFOR Arusha ari no mubagize urwo runani rushasha arababazwa no kwunva umushikiranganji akoresha invugo nkiyo ibabaje kandi iteye isoni. Frederic Banvuginyunvira akibutsa umushikiranganji Martin Nintereste ko iyo ataba amasezerano yi Arusha batari gutaha mugihugu.
  2. Ubu nta nkeka ko ubuyobozi bw’amabohero mu Burundi buri inyuma y’ihonyangwa ry’agateka k’abanyororo. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe ESDDH riharanira ikingirwa ry’abaharanira agateka ka zina muntu. ESDDH ikabivuga inyuma y’aho hibonekeje itotezwa uwurongoye amabohero mu gihugu agirira umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye. Félicien Irimbere, ajejwe kumenyesha amakuru mur’iryo shirahamwe, asaba ko uwujejwe amabohero yubahiriza amategeko n’abanyororo atavanguye.
  3. Umunyororo Clement Nkurunziza apfungiwe mw’ibohero rya Ngozi aratabarizwa ko amagara amukitse aho agwariye mubitaro vy’intara ya Ngozi kuva kw’igenekerezo rya 8 nzero uyu mwaka wi 2024. Amakuru atangwa n’abamwegereye akavuga ko clement Nkurunziza kuva ashikanywe murivyo bitaro atigeze atora mitende munyuma ibitaro vyafashe ingingo yuko amaukanwa kuvurigwa mugisagara ca Bujumbura. Ariko gushika kuruyu musi akaba atarajanwa kubera uwutwara ibohero ry’ingozi yavyanse. Amakuru ava kurivyo bitaro akavuga ko kuva clement Nkurunziza yinjiye ibitaro uwujejwe ibihero rya Ngozi hamwe nuwuhagaririye igipolisi mw’ibohero bamuteye mucumba agwariyemwo baza kumusaka ama telephone. Ayo makuru nyene akavuga ko atagikozwe ngo amanukanwe kuvuzwa ashobora kuhasiga ubuzima. Tubibutse ko clément Nkurunziza aofungiwe mwibohero rya ngozi kuva mukwezi kwa gatatu k’umwaka wi 2018. Akaba yakuwe muri leta z’unzubumwe za amerika yagrizwa na leta y’uburundi ko yagize uruhara mubwicanyi bw’abanyeshure muri kaminuza y’uburundi mumwaka wi 1995. Ivyo clement Nkurunziza yahakanye gushika nubu ko ivyo bamwagiriza atavyo yigeze akora.
  4. Kuri uwu wa gatatu abakuru b’imitumba ibiri ya Gacu na Ruvomo yo muri zone Murima , komine n’intara ya Kayanza , barahagaritswe mu mabanga yabo y’ukurongora iyo mitumba na musitanteri wa komine Kayanza. Uwahora aramutswa umutumba wa Gacu hari haciye igihe yidogerwa n’abanyagihugu ko yataye umurongo w’ubuntu mu kurangwa n’ingeso y’ukurenga ibigo. Uwatwara umutumba Ruvomo na we , mu nzu iwe ngo zirara zirasha kuko yama mu ndyane z’urudaca hagati yiwe n’umugore n’abana . Musitanteri wa komine Kayanza Godefroid Niyonizigiye akaba yamenyesheje ko atawokwihanganira ingeso nk’izo ngo kuko ziteza umutekano muke mu kibano aho yaciye asaba abandi batware bo ku nzego zo hasi kubera akarorero abo barongoye . Tubamenyeshe ko musitanteri Godefroid Niyonizigiye yaraye afashe izo ngingo inyuma y’imisi icenda gusa ashikirijwe icese kurongora komine ya Kayanza.
  5. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO agabisha abadandaza bikika mu kiza mu kuduza ibiciro vy’isukari hirya no hino mu gihugu. Koloneli Aloys Ndayikengurukiye avuga ko naho umwimbu utabaye mwiza mw’irima riheruka kubera imvura nyinshi yaguye, yemeza ko ishirahamwe arongoye rizokora ibishoboka vyose kugirango abanyagihugu baronke isukari nkuko vyahora. Asigurako bibaye ngombwa bashobora n’ukuyigurira hanze y’Uburundi.
  6. Mugisata kijanye n,imigenderanire inkurikizi ziturutse kwiyugagwa ry’imbibe uBurundi buhana n’uRwanda ziguma zibonekeza mu banyagihugu b’Abarundi. Abavyeyi bafise abana babo biga mu gihugu kibanyi c’uRwanda bavuga ko batabona ukwo bagiye kubigira kuko batagishoboye kugendera abana babo. Amanama atumwa ko n’amashuri biga ko, ntayo bacitaba. Guca muri Tanzaniya kugira ngo bashike mu gihugu c’uRwanda na vyo ngo birazimvye kandi ngo ntibizeye umutekano mu gihugu ca Tanzaniya, bafatiye ku mabi akorerwa impunzi z’Abarundi zikorerwa na Leta y’ico gihugu. Basaba nyabuna Leta y’uBurundi kwikubita agashi ikugurura iyo mipaka.

Ibindi bisa n'ibi