-
Umukenyereragumba wo mumugambwe CNDD FDD ari ku musego inyuma yo gukomeretswa n’imbugita yacumiswe n’abantu bataramenyekana haraheze hafi indwi ku musozi Murembera uri muri komine ya Gigaro mu ntara ya Rutana. Ababanyi bakaba bikeka ko Sahawu Evelyne yahowe ko yafashije mu bikorwa vyo kuja gufuba uruhinja rw’umunywanyi wa CNL . Ido n’ido ry’iyo nkuru na Bonfils Niyongere.
-
Arakoze Bonfils Niyongere , tubandanije n’amakuru ajanye na politike, Kahise k’umuntu ntigahera , ivyo ni ibivugwa n’umuhari MAP BURUNDI BUHIRE, ukabivuga ufatiye ku mvugo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Martin Niteretse, aho aheruka kuvuga ko abateye igikumu ku rwandiko rusaba ko amasezerano y’i Arusha yonagugwa , ari abakora iterabwoba. Kubw’umuhari MAP BURUNDI BUHIRE, umushikiranganji Niteretse yarakwiye kumenyako abantu bose atari abakora iterabwoba nkuko yabikora akiri mw’ishamba n’abagenzi biwe mu muhari CNDD FDD. Umuhari MAP BURUNDI BUHIRE umwibutsa kandi ko iyataba amasezerano y’amahoro y’i Arusha umugambwe akorera utaba uri ku’ubutegetsi .
-
Emery Pacifique Igiraneza ahanura leta nyabuna gukora ibishoboka vyose kugirango ikure abanyagihugu mu ngorane zitandukanye barimwo , hagutuka abatavuga rumwe nayo kugirango babanumye.
-
Abanyagihugu baba mu gacimbiri ka Gitanga ku mutumba Muyinga uri mur’ico gisagara , bidogera ishirahamwe rya Reta ritanga umuyagankuba n’amazi (REGIDESO) ko ribamajije indwi zirenga 2 bari mu kizime. Bavugako ivyo vyatumye baja m’ubukene bwinshi kuko hari abatari bake bari batunzwe n’ubuzi bukenera umuyagankuba. Abo banyagihugu basaba ishirahamwe REGIDESO gukura mu nzira izo ngorane kugirango basubire kwikenura , bareke kuguma bazera inze. Mu gisata kijejwe umuyagankuba mw’ishirahamwe REGIDESO i Muyinga, bamenyesha kw’ico kibazo bakizi ariko ko cashikirijwe inzego zibakurira mu ntumbero yo gutora umuti urama.
-
Mu makuru ajanye n’inkino naho tubabwire za nkino z’igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru ziriko zibera muri Cote d’Ivoire. Igihugu ca Cap vert caraye kibaye igihugu ca mbere kironse uburenganzira bwo kwinjira mu gice c’umunani gishira icanyuma. Aho ni inyuma yo gutsinda Mozambique ibitsindo bitatu ku busa. Ikindi gihugu caraye gishitse kuri iyo ntambwe ni Sénégal ari naco gihugu gifise ico gikombe. Sénégal yaraye yirahiye Cameroun mu kuyitsinda ibitsindo bitatu kuri kimwe. N’amanota atandatu kuri atandatu, Sénégal iri mu kibanza ca mbere c’umurwi C igakurikirwa na Guinée ifise amanota 4 ikaba nayo ifise amahirwe ; isabwa kunganya na cameroun, nayo bishitse igatsindwa na Cameroun, ishobora kuba mu mirwi yakinye neza, ivyo bita meilleurs perdants mu gifaransa. Ikindi mwomenya n’uko umukinyi kizigenza wa Misiri Mohamed Salah yakomeretse ku munsi wa kane atozokina inkino zibiri zimirije kuri uyo murwi biturutse kuri ico gikondoka.
-
KW’ISOKO. Mu kiganiro c’uyu musi tugaruka kw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yandikiye Agathon Rwasa arongoye CNL.Yagirije Rwasa kuba yifadikanije n’imirwi y’iterabwoba mu gusinya kurwandiko rwerekeye amesezerano y’i Arusha. Bisa n’aho ari inzira yo kurondera inyendamuvano yo gukura mw’ihiganwa ry’amatora yimirije uwo mugambwe. Kubw’urunani rw’amaradio Rpa,Inzamba Agateka kawe na Television Renaissance
-
Amakuru makuru makuru yanditswe n’ibimenyeshamakuru muri ino ndwi .