-
Inkurikizi ziturutse ku ngingo ya Leta y’Uburundi yo kwugara imbibe zijabuka mu Rwanda zatanguye kwibonekeza mu banyagihugu b’Abarundi. Akarorero ni abadandaza bacuruza ivyamwa mw’isoko bita kuri COTEBU, bahora bashorerwa n’abava mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Bavuga ko kuva imbibe zugarwa, agahombo kamaze kuba kenshi kuko bimwe mur’ivyo vyamwa biheza bikabora kubera kubura ababigura. Basaba Leta y’u Burundi kwisubirako ikareka kwugarana abanyagihugu bayo ku mvo bavugako zidafise ishingiro.
-
Abasirikare barenga 200 bahora bapfungiwe mw’ikambi yo ku muzinda hamwe no mugacho k’igipolisi ca gisirikare mugisagara ca Bujumbura kuriri genekerezo rya 16 bimuriwe muyandi mabohero. Amakuru atangwa n’abasirikare yemeza ko abo basirikare batwawe kuruyu wakabiri muma camions abiri hagati y’isaha ya satanu na sasita z’umurango bikavugwa ko batwawe mumabohero ya Rutana, Rumonge na Ngozi. Tubibutse ko abo basirikare bapfunzwe kuva mumwaka uheze bakuwe muntara ya Kivu yo muri congo bagirijwe ko banse kugwanya umuhari M23 ugwanya leta ya Congo. Tubibutse kandi ko hari n’abandi basirikare bari bapfunzwe bagirizwa icaha kimwe bakuwe mw’ikambi ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 16 Kigarama atawuramenya iyo bajanywe gushika nubu.
-
Imyidogo ni myinshi mu banyororo bapfungiwe mu gasho ka parquet ya Makamba. Ngo ntibacemerewe kubonana n’abaje kubagendera mbere n’abahora bazana ibifungurwa bagurisha kubadafise ababagemurira, ubu ntibacemerwa kuhinjira. Basaba ubushikiranganji bw’ubutungane kubagarukirako kuko bafatiwe ingingo zihohotera agateka kabo.
-
Uwurongoye amabohero mu Burundi arasabwa kwubahiriza amategeko, akareka gutoteza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye n’uwurongoye ibohero rya Bubanza. Ako kamo gaterwa n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako awurongoye abivuze inyuma y’aho hibonekeje amajambo y’iterabwoba Pierre Claver Miburo yakoresheje kur’abo bantu babiri, n’ayandi majambo atabereye yakoreshejwe n’abandi bakozi atwara bavuga abo bantu nyene. Agasaba ko Floriane Irangabiye yubahirizwa mu burenganzira bwiwe bwose nka kiremwa muntu.
-
Leta y’u Burundi ikwiye gushiraho uburyo bworohereza abanyagihugu mu guhanahana amafaranga nkukwo ibanki nkuru yari yabisezeranye kuko amazu yo kuziganya no kuguranana adashobora yonyene gutanga uburyo abenegihugu bakeneye. Akamo gatangwa n’ishirahamwe PARCEM inyuma yaho ibabki nkuru y’igihugu BRB iherutse guhagarika inzira zo kuguranana amafaranga hagati y’abantu bita CILC canke IBIRIMBA. Kubwa Faustin Ndikumana, leta yofatira ku bindi bihugu vyamaze gutera imbere murico gisata aho vyashizeho isoko y’amafaranga ivyo bita marché financier mu gifaransa.
-
Abarimyi bimbuye ibigori vyo mu mwonga mu ntara ya kayanza barashima igiciro c’amafaranga 1700 leta iheruka gushinga kukiro bafatiye kuburyo baba bakoresheje kugira bagere kuri uyo mwimbu. Ariko abaguzi bo babona ko ico giciro cadugijwe cane bafatiye ku mikoro make bafise. Bavuga ko nimiburiburi cari gushirwa ku 1500.
-
Ano makuru twabateguriye tuyasozerere kurino nkuru ivunaguye ivugwa muri za nkino z’igikombe ca Afrika kigira ica 34. Izo nkino zarabandanije kuruyu wa mbere hariya muri Cote d’Ivoire. Mu muce C, igihugu ca Sénégal ari naco gifise ico gikombe catsinze Gambiya ibitsindo 3 ku busa. Sénégal iharurwa mu bihugu bishobora kwiyongera ico gikombe, ikaba izotana mu mitwe ku munsi wa gatanu na Caméroun. Cameroun imaze gutwara ico gikombe incuro 5 zose, yaraye ijugumijwe na Guinée mu kunganya igitsindo kimwe ku kindi. Cameroun igasabwa gutsinda Sénégal ku munsi wa gatanu kugirango yizere kubandanya inkino z’igice c’umunani gishira icanyuma idacumukuye mu muce C Cameroun irimwo. Nayo mu muce D, kuri uyu wa mbere nyene, Algeriya yaranganije igitsindo kimwe ku kindi na Angola. Algériya nayo nyene benshi bakaba bari biteze ko rwari urukino ruyorohera. Algeriya rero igasabwa kuzotsinda ku munsi gatandatu Burkina Faso mu rukino rugira kabiri rw’umuce D, urukino rushobora kugora Algeriya mbere bigashoboka nuko itaha mu mirwi ya mbere (ivyo bita premier tour) nkuko vyabagendeye mu mwaka wa 2022.