-
Urwaruka rwo mu gihugu c’Urwanda rubwirizwa kwikurako igitutu rushirwako n’abategetsi b’ico gihugu kugirango bafashe mw’iterambere ry’ibihugu vya kano karere. Ako n’akamo katewe n’umukuru w ‘igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Hari kuwa gatandatu uheze mu nama yatunganije ku rwaruka rushika 5000 rwo mu gihugu ca leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, hakaba hari inyuma y’ibirori vyo kwimika rya Antoine Felix Tchisekedi nk’umukuru w’ico gihugu mu kiringo ca kabiri. Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yavuze ko urwaruka rw’igihugu c’Urwanda rubayeho nk’imbohe mugihugu cabo.
-
kurayo majambo yashikirijwe na Varisto Ndayishimiye murunani CEFOR Arusha babona ko uwotangura guhamagarira urwaruka muriyo nzira abokwihuta kubikora gusulba abandi nabo mu burundi kuko igihugu cabo gikenye ivyankegwa vyose. Frederic Bamvunginyumvira arongoye urwo runani akabano ko iyo mvugo adatahura neza ico igamije.
-
Ayo majambo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yerekana neza umugambi wiwe wo gutunganya urwaruka rwo mu bihugu vya kano karere mu ntumbero yo gukora ihonyabwoko muri ivyo bihugu. Ivyo bivugwa na Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIROMOSO igisata co muri CANADA. Kubw’iwe umukuru w’igihugu Ndayishimiye yari kubanza gutunganya urwaruka rw’imbonerakure rwo mu mugambwe wiwe rugisibije mu Burundi , hakwitwararika ibibazo vy’ikindi gihugu .
-
Abanyagihugu bo muri zone Munagano bitura ivuriro ritoya riri muri ako karere ka komine Muyinga bararajwe ishinga n’umwijima urangwa kur’iryo vuriro iyo bugorovye. Iyo ngorane y’ubukene bw’umuyagankuba ngo ikaba ikunda kwibonekeza mu gihe c’imvura hakabura izuba rituma umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba uboneka. Ivyo bituma abaforoma bakorera kur’iryo vuriro bifashisha udusitimu mu kwakira abarwayi.
-
Imyidogo nayo ni yose mu barimyi bo muri komine Gitanga muntara ya Rutana. Bavuga ko kuva mwirima ryagatasi barishe ifumbire yo mubwoko bw,ishwagara ariko ntibigeze bayironka. Bavuga ko bagize uruhombo runini cane Basaba ko botunganirizwa kuri iri rima ry,impeshi buca ritangura.
-
Inkino zo gusubiza ivyo bita phase retour mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru zarabandanije mu mpera z’iyi ndwi. Ku ndwi igira 16 n’ubu umurwi wa vital’o ukaba ukiri mu kibanza cambere. Magara young boys nayo mu canyuma. Za nkino z’igikombe ca Afrika nazo nyene zarabandanije hariya muri Côté d’Ivoire. Imirwi nserukiragihugu ya Cap vert na Sénégal niyo imaze kuronka uburenganzira bwo gushika mu gice c’umunani gishira icanyuma.