Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/01/2024

Publié le 23 janvier 2024 par Rédaction

 

  1. Evariste ndayishimiye yarihenze ku butumwa yategerezwa gutanga ku rwaruka rwo mu gihugu ca Congo. Aho kuruhamagarira kurwanya igihugu kibanyi, yari kubereka uko boharanira amahoro. Ako n’akagohe k’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari abona ko Evariste Ndayishimiye yarenze ku vyo ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Africa ryamushinze vyo kubera urumuri rwiza urwaruka rw’uwo mugabane.
  2. Marie Louise Baricako ahamagarira ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Africa kuhagabira, rikaraba neza ko abo riha amabanga bayagendera. Agasaba ko rigarukira iyubahirizwa ry’amasezerano ngenderwa ko ya ryo ata yindi ntumbero atari iyo gushigikira amahoro n’ugutunganirwa kw’abanyagihugu.
  3. Mw’itangazo yasohoye kuri uwu wambere, leta y’Urwanda iriyamiriza amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye i Kinshasa mu nama yatunganije n’urwaruka igenekerezo rya 21 uku kwezi. Leta y’Urwanda ibonako bibabaje kubona amajambo nkayo ashikirizwa n’umuntu yitwa ngo niwe ajejwe igisata c’urwaruka mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Ayo majambo yavuzwe na Evariste Ndayiushimiye ngo n’amajamabo aturira, abiba urwanko kandi ahungabanya amahoro n’umutekano mu bihugu vy’ibiyaga binini. Iryo tangazo ribandanya ryerekanako abanyarwanda bihaye intumbero yo yoguharanira ubumwe n’iterambere, urwaruka narwo rukaba rwahafatiye akaryo ko kutajuragizwa n’aba canke na bariya, bakitunganiriza kazoza kabo. Kuvuga amajambo arusaba kugumuka ngo rwikureko intwaro, ngo ni amajambo ateyisoni kandi ateye kubiri n’amasezerano y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Leta y’Urwanda yiyemeza ko izokwama yirinda indyane hagati y’ibindi bihugu bibanyi, ahubwoko izokwama ifasahanya n’abandi mu guharanira amahoro, umutekano n’iterambere.
  4. Leta y’u Burundi ikaba nayo nyene itatevye kwishura kuriryo tangazo kuri uno wa kabiri. Leta y’u Burundi ivugako ivyashikirijwe n’u Rwanda bidahuye nivyo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije kandi ko bifise intumbero yugusamaza amakungu kubibazo biri hagati yivyo bihugu bibiri vy’u Burundi n’u Rwanda.
  5. Abarundi bari mu mirwi itandukanye n’abigenga bumvikanye kuja hamwe kugira bakore ibikorwa vyo gutabara igihugu bavuga ko kiri mu manga. Bari mu nama yabereye mu Bubirigi ikaba yamaze imisi itatu. Bob Rugurika, umwe mu ba menyeshamakuru bari mur’uwo mwiherero, akavuga ko igikorwa nyamukuru caranze iyo nama kwari kwumva kumwe ibibazo Uburundi buri mwo, hanyuma bose bagakorera ku mugozi umwe.
  6. Ishirahamwe ACAT Burundi riharanira agateka ka zina muntu rirahagaritswe umutima n’amagara atifashe neza y’umunyororo Clément Nkurunziza, muri kibo gihe arwariye mu bitaro vy’i Ngozi, haraheze indwi zibiri. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe ACAT Burundi, abonako uwo ari umukenyuro wa leta y’u Burundi wo gutoteza abanyororo basanzwe bakurikiranwa kuvyaha bifitaniye isano na politike. Asaba abarongoye ubushikiranganji bw’ubutungane guha uruhusha uwo munyororo akaja kwivuriza mu bitaro bisfise ubushobozi bwo kumukurikirana. Ataruko, abo bategetsi ngo bitegure kuzokurikiranwa kurivyo vyaha bihonyanga uburenganzira bw’abanyororo.
  7. Igisirikare ca Tanzaniya gisaba ko impunzi z’Abarundi ziri mur’ico gihugu ko zotahukanwa mu gihugu cabo. Vyasabwe n’uwurongoye ico gisirikare kur’uyu wa mbere mu nama yahuje umukuru w’igihugu ca Tanzaniya n’inzego za gisirikare. Samia Suluhu yamenyesheje y’uko hakwiye kuba ukwumvikana hagati y’ivyo bihugu bibiri ku cokorwa kuko n’igisata ca ONU kijejwe impunzi HCR mu gutahukana impunzi ata buryo kigifise.
  8. Mu runani CBDH Vicar rihurikiyemwo abaharanira agateka ka muntu mu ma kambi y’impunzi mu karere, baranegura bivuye inyuma imvugo y’abarongoye igisirikare ca Tanzania yo gushaka kwirukana impunzi z’abarundi ku- nguvu. Jean Bosco Vyizigiro avugira urwo runani agasaba umukuru w’igihugu ca Tanzania kutagwa m’umutego w’igisirikare arongoye kuko kiriko kimusaba guhonyanga amaszerano agenga agateka k’impunzi. Bagasaba n’ishirahamwe HCR gukurikiranira hafi ico kibazo c’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya.

Ibindi bisa n'ibi