Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 29/01/2024

Publié le 29 janvier 2024 par Rédaction
  1. Ingwano zabaye mu ndwi iheze mu ntara ya Kivu yo mu buraruko zimaze imisi zihuza ingabo za reta ya kongo nabo bacuditse, bahanganye n’umuhari m23, zahitanye abasirikare b’u Burundi barenga 50 abarenga 20 barakomereka hakaba hari n’abavugwa ko babuzwe irengero. Mu miryango y’abasirikare barungitswe muri ico gihugu ca Congo batekewe n’ubwoba kuko bataronka n’ingene bavugana nababo kuko batswe amaterefone.
  2. Umunywanyi w’umugambwe cnl azwi kw’izina rya Georges Nimbona wo kumutumba Buringa mri zone buringa ni muri komine Gihanga muntara ya Bubanza yaranyurujwe kuruno w,imana n’,abantu biyoberanije bari mumodoka yo mubwako bwa pick up. Abanywanyi bumugambwe cnl bagasaba ko yokingirwa ubuzima bwiwe.
  3. Abanyororo bapfungiwe mw’ibohero rya Bubanza baridogera icegera c’umuyobozi w’ibohero rya Bubanza Bosco Habonimana. Uyo nawe bamwagiriza ko kuva ashitse murayo mabanga kumusi wambere w’indwi iheze atoza amahera bamwe mubanyororo kugira abahe uruhusha kugira rwo kuja kunywa inzoga inyuma y’ibohero.  Ivyo bikogwa vyo kuabka amahera bikaba vyarateye uruhagarara mw’ibohero muriyi ndwi iheze.
  4. Bamwe mubakozi bo mubuyobozi bw’indero muri commune Giharo bavugako batakironka uwo bitura mukurondera bimwe muvyo bakenera murubwo buyobozi.  Ivyo ngo bikaba bitumwa nuko umuyobozi w’indero Bernard Niyibizi amaze imisi yarahunze kuko ariko aronderwa n’ubutungane, inyuma y’igandagurwa rya Josué Iraganje yishwe n’urwaruka rw’imbonerakure zirongowe na Bernard Niyibizi mu mpera z’umwaka uheze.
  5. Uruja n’uruza hagati y’abanyagihugu bo ku mitumba  ya Burima, Gitongwe ,Rwimbogo yo muri Komine Muyinga n’a Kigoganya ya Komine Gasorwe mu ntara ya Muyinga ngo rurabangamiwe muri Kino gihe kubera ibiraro vyahuza iyo mitumba vyatwawe n’amazi y’imvura imaze imisi igwa, nkuko bimenyeshwa n’abajejwe intwaro kur’iyo mitumba bigashimangigwa n’abanyagihugu. Kugira umuntu ajabuke amazi ahahora ibiraro ngwarinda gutanga Ingero kubamujabutsa. Kubomoka kw’ivyo biraro ngo kukaba kwaragize ingaruka mbi ku bahora babikoresha.
  6. Mu makuru y’inkino, igihugu ca Republica y’intwaro rusangi ya Congo caraye gihambije Nigeria, Angola na Guinée mugice ca kane gishira icanyuma, muri za nkino z’igikombe ca Afrika kiriko kibera muri Côte d’Ivoire. Mu mupira w’amaguru ihiganwa ryarabandanije. Ku ndwi igira 18 n’ubu vital’o ikaba ikiri kw’isonga. Mumupira w’amaboko basket-ball, ibikorwa vyose vyahagaritswe ku munsi wa gatandatu kubera ubunyonyezi burangwa mw’ishirahamwe rya basket mu Burundi FEBABU.

 

Ibindi bisa n'ibi