-
Itotezwa ry’uwurongoye ibihero rya Bubanza Diomède Ryambabaje rirabandanya. Ivyo uwuri inyuma ya vyo akaba ari umuyobozi mukuru w’amabohero mu Burundi Pierre Claver Miburo. Akarorero n’umunyororo abakozi bo mur’iryo bohero baheruka gutorokesha kugira bambike inkono ishushe umuyobozi wa bo ko ari we yabikoze. Ariko amatohoza ya radio Inzamba yerekana ko hari n’ibindi bikomeye ahorwa, nko kurenganura abanyororo batangishijwe amafaranga menshi bemerewe ko barekurwa. Ivyo vyose bigakorwa kugira ngo akurwe mur’ayo mabanga.
-
Nta munywanyi wa CNDD-FDD arya igiturire. Ababikora Ni abaje kubononera bakiyitirira Abagumyabanga atari bo. Ivyo vyemezwa na Evariste Ndayishimiye. Umukuru w’Igihugu yabivugiye mu bikorwa vyo gusozera amasengesho uwo mugambwe utunganya mu mpera z’indwi ya nyuma y’ukwezi, amasengesho yabereye mu ntara ya Gitega. Akavuga ko hageze ko abo bantu birukanwa.
-
Mu mugambwe UPD Zigamibanga baratangazwa n’iyo mvugo ya Varisto Ndayishimiye. Chauvineau Mugwengezo arongoye uyo mugambwe akavuga ko kuva umugambwe CNDD FDD ushitse k’ubutegetsi waranzwe no kunyuruza amatungo ya leta no kurya ibiturire n’umukuru w’igihugu ubwiwe adasigaye inyuma. Uwo arongoye umugambwe UPD zigamibanga akabona ko iyo mvugo ariyo gusamaza abarundi kandi akabafata nkuko batagira ubwenge.
-
Ibura ry’amazi rimaze iminsi rivugwa mu gisagara ca Bujumbura ryatanguye kugira ingaruka. Ikiza c’ingwara ya cholera casubiriye kwibonekeza mur’ico gisagara. Abagwaye ico kiza bakaba bamaze kwibonekeza mu ma komine ya Mukaza na Ntahangwa. Abanyagihugu bakavuga ko bafise ubwoba ko ico kiza gishobora kugwirirana hamwe amazi yobandanya abura. Bagasaba ishiramwe REGIDESO kubaronsa amazi.
-
Ahandi havugwa imyidodo ni mu barimu bo mu mashuli yo mu ntara ya Mwaro bariko barakurikirana inyigisho z’igifaransa n’izerekeye ubuhinga ivyo bita SCIENCES et TECHNOLOGIE. Abo barimu bidoga bavugako batumva ingene badahabwa udufaranga tw’agashirukabute nkuko vyari bisanzwe biba mu nyigisho nkizo, bakibazako amafranga bari kuronswa ariko aranyuruzwa.
-
Igihugu ca Côte d’Ivoire caraye kironse amahigwe yo gukina inkino z’igice cakane gishira canyuma c’inkino z’igikombe ca Afrika mu gutsinda Sénégal ari nayo ifise ico gikombe kuri penalty 5 kuri 4. Sénégal yashitse mu gice c’umunani gishira icanyuma itsinze imirwi yose bari kumwe mw’itsinda, nayo Côte d’Ivoire ikaba yahashitse bigoranye. Abantu baraye batangaye ingene Sénégal ari nayo ifise ico gikombe isezererwa na Côte d’Ivoire. Côte d’Ivoire rero ikazoca ikina ku munsi wa gatandatu n’uwuza gutsinda kuri uyu wa kabiri hagati ya Mali na Burikna Faso. Ikindi gihugu caraye kironse uburenganzira bwo gushika mugice ca kane gishira icanyuma ni Cap vert yatsinze kuri uyu wa mbere Mauritanie igitsindo kimwe ku busa. Cap vert nayo ikazoca ikina ku munsi wa gatandatu n’iyiza gutsinda hagati ya Maroc na Afrika y’epfo. Aha mukamenya ko kuri uyu wa gatatu no ku wa kane, ari akaruhuko. Inkino zikazosubira kubandanya ku munsi wa gatanu.