Marie Louise Baricako abona ko gukingira isoko ry’amakuru no guhana hana amakuru ari bimwe mubikoresho bikomeye vyo gukurikirana imigambi ya leta.Kubwiwe ngo abantu barakwiye kuva hasi bakiyamiriza iryo tegeko kuko nivyahuha bigiye guhuhuka.
Turi kw’itariki 11 Rusama. Uno musi isi ikaba yibuka umuririmvyi Bob Marley, igihangange mu muziki wa reggae, amazeimyaka 47 yitavye Imana. Uwo mu nya Jamayike akaba mu vyo yashira imbere mu ndirimbo ziwe yari ko abantu bakundana bakabana mu mahoro, maze ingwano zigahagarara. Omer Nzoyisaba, umuririmvyi bataziza Ngoma ya Ntare, avuga ko ivyiyumviro vya Bob Marley kugeza uno musi bifise ico vyokwungura Abanyafrika muri rusangi, na cane cane Abarundi.
Ico Bob Marley yagendera ko, kwari uguhindura ivyiyumviro bibi vyo kwankana no gukumirana, kuko kuri we vyaje biva ahandi nko mu bukoloni. Ivyo n’ubu bikaba bicibonekeza nk’akarorero mu Burundi aho kugeza ubu hari abakibigendera ko. Omer Nzoyisaba agahamagarira Abarundi kuvavanura n’iyo ngendo bakagendera ku kamo ka Bob Marley.
Mukiganiro kw’isoko c’uno munsi tugaruka kungingo yo gukura umurwi w’igihugu CNIDH murwego rw’imirwi yemewe ko iharanira agateka ka zina muntu uko bikwiye.
Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire amakuru makuru makuru yandistwe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa.