Kuri uno wa 14 Rusama umwaka w’i 2024, imyaka icenda irarumanye neza amaradiyo atanu yigenga Radio RPA, Radio Isanganiro, Radio Bonesha Fm, Radio Rema Fm na Radio Television Renaissance abomowe ayandi araturigwa. Ivyo vyabaye haraye habaye abantu bashatse guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13, uretse radio Rema FM ayo yandi ma radiyo uko ari ane yagirizwa kuba yakoranye nabo bashatse guhirika ubutegetsi.
Ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwamanye kuva kera imigambi yo kugara amaradiyo kuko bwatinya ibinyamakuru bikora vyigenga kuko vyashira ahabona ibinyegezwa bwakora. Bivugwa n’umuyobozi wa radio RPA Ijwi ry’abanyagihugu, imwe mu ma radio yaturiwe. Bob Rugurika, ariko arafise icizere cuko igihe kizogera amaradiyo yasambuwe agashumbushwa n’ababikoze bagahanwa hisunzwe amategeko.
Igihano c’ugupfungwa ubuzima bwa bo bwose n’ukuriha indishi y’akababaro ingana n’imuliyoni 15. Ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza yaraye iciriye abagabo batatu bo ku musozi Ryamukona muri komine ya Kabarore mu intara ya Kayanza. Bakaba bagiriwe n’icaha c’ukwica ku musi wa gatanu w’indwi iheze umunyagihugu wo kuri uwo mutumba, biturutse ku mwikeko w’uko yoba yagomba gushorera ubutare mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Urwo rubanza rukaba rwakurikiranywe n’abantu batari bake aho bashimye izo ngingo sentare yafatiye abagize ubwo bwicanyi.
Imyidogo ni yose mubanyororo bo mw’ibohero rikuru rya Muramvya. Bagiriza umuyobozi wiryo bohero jean Paul Niyongabo ko ahohotera abanyororo baba bakoze amakosa mukubakubita baboshe mu nyuma agaca abugaranira mu gasho. Bavuga ko iryo ari ihohoterwa kuko hasanzwe hariho ibihano bitegekanijwe n’amategeko.