Amakuru yo ku munsi
Amakuru yo kuwa 18 Rusama 2014
Publié le 18 mai 2024 par Rédaction
Post Views: 0
- Hari umugabo azwi kw,izina rya Irakoze Pacifique yaraye agandaguwe akubiswe kuruno w,agatanu na nyene urugo rwaho yaragiye kwiba inka kumutumba wa Murambi muri komine kibago muntara ya Makamba. Uwo akekwako ubwo busuma akaba yacikanye amaze gushikanwa n,inyamiramabi kw’ivuriro ritoya ry’ikibago.
- Ano makuru tuyabandanirize mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu.Itotezwa Floriane Irangabiye ariko akorerwa n’ubuyobozi bukuru bw’amabohero ntiritegerezwa kumuca intege ku neza akorera abandi banyororo. Uwo n’umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano wiyamiriza ingendo y’ubwo buyobozi ko bwankiye uwo mumenyeshamakuru apfungiwe I Bubanza guserukira abandi kandi ari uburenganzira bwiwe. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, akabonera ho akaryo ko gukeza inyifato y’uwahoze ari umuyobozi w’iryo bohero, we yubahutse kwemerera Floriane Irangabiye kwitoza, kugeza n’aho abizira akirukanwa mur’ayo mabanga.
- N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku bihano ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaboko basketball FIBA riherutse gufatira ishirahamwe ry’urukino rwa Basketball mu Burundi FEBABU kuko Uburundi bwahonyanze amategeko n’ingingo ngenderwako z’ishirahamwe FIBA.
- Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyandistwe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi.