Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Rusama 2014

Publié le 22 mai 2024 par Rédaction
  1. Umunywanyi w’umugambwe CNL ariko arahohoterwa n’uwujejwe igendereza muri commune Giharo mu ntara ya Rutana. Iryo hohoterwa rikaba ribera kubiro vyuyo arongoye iperereza mugihe ari nawe yaje kumuhagarika ku munsi wa mbere amukuye ku muhana iwe igihe cisaha cumi na zibiri z’umugoroba. Mu muryango wiwe bakaba bafise amakenga kubuzima bwiwe, bagasaba yuko yorekurwa kuko ariko azira imvo za politike.
  2. Abanyagihugu bo muri zone Gasenyi, komine Buganda mu ntara ya Cibitoke baratabariza. Bavugako ata mazi meza bafise bagatinya gufatwa n’ingwara zivuye kw’isuku rike. Basaba abategetsi ko bakora ibishoboka bakabagarukanira ayo mazi imbere y’uko ibara rigwa.
  3. Mugisata c,intwaro ibereye, imyidogo ari myinshi mu banyagihugu bafise amatongo muri Kizingwe-Bihara muri komine Kanyosha mu gisagara ca Bujumnura. Bavuga ko bamaze imyaka irenga 10 barindiriye ko hasohoka intonde z’abahafitiye amatongo zikaba n’ubu zitarasohoka. Bavuga kandi ko abajejwe kubatunganiriza babatererana na cane cane iyo badafise urupapuro bita « récépissé » rwerekana ko bahawe ayo matongo. Bagasaba uwurongoye umugwi mushasha ujejwe kwiga ico kibazo kubatunganiriza
  4. Umuryango w’ubumwe bwa bulaya umenyesha ko uzoshigikira amatora y,imirije mu Burundi. Elisabetta Pietrobon aserukira  ibihugu bigize umuryango w,ubumwe bwa bulaya avuga ko hatewe igikumu k,unfashanyo yo gushigikira umugambi uzofasha  mugisata co gutegura amatora ariko akavuga ko hakiri kare kugira hasigurwe ingene uyo mugambi uzokora.Kurikira Elisabetta Pietrobon akaba yabivuze kuruno wa kabiri  mukiganiro umushikiranganji w’imigenderanire Albert  Shingiro yagiranye n’abaserukira ibihugu vya bulaya mu Burundi.
  5. Umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI na leta bakwiye gukora ibishoboka vyose kugirango ayo matora yimirije azobe amatora azoba mu muco kandi azokworohereza abo bose bazoshaka kwitoza . Ico ni icifuzo c’umugambwe CODEBU Iragi rya Ndadaye. Keffa Nibizi awurongoye asaba kandi ko ayo matora yocungegwa bikwiye ku buryo ata busuma bwoyarangwamwo. Kandi ko ata numwe azoyakumigwamwo .20

Ibindi bisa n'ibi