- Urubanza rw’abasirikare bapfunzwe bagirizwa kugumukana ababatwara mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko rwabandanije kuri uyu wa gatandatu. Aho abasirikare bahakana ivyo bagirizwa n’ubushikirizamanza bwa gisirikare bagasaba nyabuna kurekurwa bagasubizwa Ku mirimo. Urwo rubanza rukaba ruzosubira kwumvirizwa Ku wa mbere w’indwi Iza.
- Abanyagihugu barimira mumwonga wa nyabarere uri kumutumba Buheka muri commune Nyanza-lac n’intara ya Makamba baridogera sentare ijejwe guca imanza z’amatongo n’ayandi matungo. Aho ni inyuma yo gushikiriza uwomwonga umwe mubahungutse uwo mwonga wahora urimirwamwo nimiryango irenga 20. Iyo miryango igasaba gutunganirizwa ikaronka amatongo yabo.
- andukire igisata kijanye n,imico y,abarundi.Kuruno wagatandatu mugihugu c,ububiligi habaye umugirwa wo kwatira abarundi baba muri ico gihugu,uyo mugirwa ukaba w,itabwe n,abarundi bava hirya no hino mubihugu vya buraya.
- Itariki 25 Rusama, n’umusi wahariwe umugabane wa Africa mu makungu. Ukaba ari umusi wo gusuzuma ibisata bitandukanye uko vyifashe mur’uwo mugabane. Muri vyo hakaba hari mwo umwuga wo kumenyesha amakuru. Urunani rw’abamenyeshamakuru muri Africa CAJ ruhamagarira amareta kwubahiriza ubwigenge bw’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru. William Olo Jalak, umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, avuga ko ukwikukira kw’Africa gutegerezwa kujana n’ubwigenge bwo gushikiriza amakuru.
- Uyu ni wa mwanya wi kiganiro « Kw’īsôko ».Mukiganiro kw,isoko c’uno musi, tugaruka kw’itangazo rya HCR rivuga ko Tanzaniya itazokwugara amakambi y’impunzi z’abarundi mu mpera z’uwu mwaka.
- Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyandistwe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi