Kuruno wa mbere niho uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yarenguka imbere y’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza. Akaba yarengukanye nabo basangiye urubanza batatu. Uno munsi abari bagiye gukurikirana urwo rubanza i Gitega, bakaba babanje gusakwa gushikaho basabwa n’ugukura ibirato bambaye. Alain Guillaume Bunyoni akaba yabandanije kubazwa ku vyaha 7 harimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi, gushaka guhungabanya ubuzima bw’umkuru w’igihugu , guhungabanya inzego z’igihugu, gutunga ibigwanisho bicira umuriro atabifitiye uburenganzira , guhungabanya ubutunzi bw’igihugu ,n’ukugira ubutunzi butaciye mu mategeko. Urubanza bikaba bitegekanijwe ko ruzobandanya ku munsi wejo wa kabiri i Gitega. Tubibutseko kuwa 8 Kigarama umwaka uheze, sentare ntahinyuzwa yaciriye uwahoze ari umushikiranganji wa mbere gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, nayo amatungo yose atamenyeshejwe agafatwa.
Ikiziga c’umusore w’imyaka 24 caratowe kuruyu w’Imana ku mutamba Nyamabuye zone kinzanza muri commune Gitanga intara ya Rutana. Uwo musore, bivugwa ko yapfuye anizwe n’abantu bataramenyekana baraheza bamanika ikiziga ku giti vyitwe ko yiyahuye. Mu ntwaro no mu gipolisi bamenyeshako hari abamaze guhagarikwa kugira babazwe ibijanye nurwo rupfu.
Abanyeshure bahejeje ivyigwa kw’ishure kaminuza y’i Muyinga East African leadership Institute, EALI, baridogera abarongoye iyo kaminuza ko batabaronsa impapuro z’umutsindo. Bavuga ko bahavuye baguma babaha amasango adashika yo kubaronsa izo mpapuro. Abo banyeshure bakavuga ko hari abamaze imyaka irenga 2 bahejeje ivyigwa ariko iyo kaminuza ikaba itarabaronsa izo mpapuro z’umutsindo. Ku bwabo ivyo ngo bibagirira ingaruka mbi mu buzima bwabo kuko ata na hamwe bashobora kuja kurondera akazi. Uwujejwe ivyigwa kur’iyo kaminuza, asaba abo banyeshure gutenyenya gato.
Ibinyobwa vya BRARUDI bisigaye ari nk’umuzi w’ibuye muri zone Maramvya komine Burambi mu ntara ya Rumonge. Iyo bibonetse ababidandaza barabizimbako kuko icupa ryiyongerako amafaranga 500 ku giciro kizwi n’amategeko. Abanyagihugu bavuga ko abari mu ntwaro yo hasi mur’iyo komine boba babifisemwo uruhara kuko ngo ivyo vyose biba barorera. Basaba musitanteri wa komine Burambi kugira ico afashije mu ntumbero kwubahiriza ibiciro.