Amakuru

Amakuru yo kuwa 28 Rusama 2024

Publié le 28 mai 2024 par Rédaction
  1. Ku munsi wa kabiri wo kumvirizwa imbere y’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yarengukanye kandi nabo basangiye urubanza batatu. Kuri uno wa kabiri, Alain Guillaume Bunyoni yasavye yuko yorekurwa vy’agateganyo amenyeshako urubanza rwiwe ruriko ruburanishwa hisunzwe imvo za politike. Alain Guillaume Bunyoni akaba yabandanije kubazwa ku vyaha 7 harimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi, gushaka guhungabanya ubuzima bw’umukuru w’igihugu, guhungabanya inzego z’igihugu, gutunga ibigwanisho bicira umuriro atabifitiye uburenganzira, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, n’ukugira ubutunzi butaciye mu mategeko. Tubibutseko kuwa 8 Kigarama umwaka uheze, sentare ntahinyuzwa yaciriye uwahoze ari umushikiranganji wa mbere gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, nayo amatungo yose atamenyeshejwe agafatwa. Inyuma yo kumviriza impande zose, uwurongoye sentare ntahinyuzwa, Emmanuel Gateretse, ariwe yararongoye intahe, yamenyesheje ko ikizova mu rurwo rubanza rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere kizomenyekana mu kwezi kumwe.
  2. Urubanza rw’abasirikare bapfunzwe bagirizwa kugumukana ababatwara mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko mu gihugu ca Congo rurabandanya kwumvirizwa mu ntara ya Rutana. Bamwe mu basirikare bumvirijwe kuri uyu wa mbere n’uwakabiri bavuga ko ivyaha bagirizwa batabikoze nyabuna bagasiguza igituma bapfunzwe aho kuba kukazi kabo ka misi yose.
  3. Reta yategerezwa kwumviriza abasirikare bariko bakurikiranwa kubera banse kugwana n’umuhari M23 kuko amategeko arabibahera uburenganzira. Ivyo bisigurwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko icibonekeza ar’uko abo basirikare barungikwa mur’izo ngwano bagenda badahawe amategeko atomoye. Akananegura kubona baburana batagira abababuranira.
  4. Umushingwamanza Janvier Bigirimana aburira reta ko ivyo iriko ikorera abo basirikare bishobora kuyikwegera. Ngo kubera iryo hohoterwa bariko barakorerwa rishobora gutuma n’abandi batari bo bashobora kugira agashavu.
  5. Mu gihe bamwe mu basirikare bariko barabazwa bahorwa kwanka gutana mu mitwe n’umuhari M23 mu gihugu ca Congo, abandi basirikare b’abarundi batazwi igitigiri barafashwe bagirwa imbohe n’umuhari M23 muri uku kwezi kwa gatanu turimwo mu ntambara zibera mu buraruka bwa Republika iharanira Deamokrasi ya Kongo. Ikinyamakuru MANU URWAGASABO TV carashitse aho bafungiwe, benshi bavuga ko barungitswe kugwanya uwo muhari atavyo babwiwe imbere y’igihe. Bakaba bizigiyeko mu misi iri imbere hazokorwa ibishoboka kugira basubire mu miryango yabo.
  6. Nta misi myinshi iheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye wewe, yari yaremejeko ata basirikare b’abarundi barungitswe muri Kongo kugwanya umuhari M23.
  7. Abarimyi bimbuye ibigori ntibabigurirwe n’ikigo c’igihugu kijejwe kugura no kubika umwimbu(ANAGESSA) mu ntara ya Muyinga baridogera Reta ko ibafatiye amaboko i Mugongo mukubahatira gushora umwimbu mu kigo ANAGESSA kandi kitariko kigura uwo mwimbu. Abo banyagihugu bakavuga ko bugarijwe n’ubukene kandi bari bararimye bakaronka umwimbu ushimishije w’ibigori mu nyuma Reta ikababwira kwizobagurira uwo mwimbu, none amaso yaheze mu nzira. Mu ntwaro barahumuriza abo barimyi bakabamenyesha ko ikigo ANAGESSA kigiye gusubira kugura umwimbu.

 

 

Ibindi bisa n'ibi