Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 29 Rusama 2024

Publié le 29 mai 2024 par Rédaction
  1. Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n,umutekano.Ibiziga vy’abagabo babiri vyaratowe ku musi w’imana uheze bireremba ku mazi y’ikiyaga ca Tanganyika ahegereye ku musozi Rimbo muri komine Nyanza -lac iri mu ntara ya Makamba . Abanyagihugu basaba amatohoza kugirango abo bantu babiri bishwe bashobore kumenyekana neza abaribo .
  2. Hari umukenyezi yanyurujwe kuva mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 28 rusama uno mwaka. Uwo mukenyezi bivugwa ko avukana na Aimé Magera aserukira umugambwe cnl mu bihugu vya Bulaya yarafashwe yongera atwagwa n’abapolisi n’imbonerakure mu bucagucagu ata n’umutahe umuhagarika ahawe. Yakuwe mu rugo iwe imbere y’umugabo wiwe n’abana ku mutumba Gikangaga zone Ruyaga muri komine Kanyosha mu gisagara ca Bujumbura. Bivugwa ko gushika ubu bimaze kumenyekana ko apfungiwe mu Kabezi ariko ko ata n’umwe yemerewe kumuraba.
  3. Mugisata c’ubutungane. Mu misi 30 uhereye ku musi w’ejo haheze ni ho generale Alain Guillaume Bunyoni n’abo basangiye urubanza bazomenya ibihano bazofatirwa. Ivyo vyatangajwe n’uwurongoye sentare ntahinyuzwa ku musi wa kabiri, aho yariko asozera urubanza rw’abo bantu bane rwari rumaze imisi ibiri. Ariko rero ibihano basabiwe bikaba bitahindutse ku vyari vyafashwe mu rubanza rwa mbere, kuko uwo yahoze ari umushikiranganji wa Mbere yasabiwe umunyororo w’ubuzima bwi we bwose, abandi na bo imyaka 15. Ariko bose bakaba basavye kurekurwa kubera kuri bo ibirego babashira ko ari irementanya gusa.
  4. Abarimyi bo muri Komine Giteranyi, mu intara ya Muyinga, baridogera ubuyobozi bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mur’iyo ntara ko bubaronsa ifumbire y’ikizungu, ishwagara bé n’imbuto zirobanuye k’umwiheburo igihe citeragira cagiye. Kubwabo barimyi, ngo bataronse ivya ngombwa hakiri kare ngo bituma umwimbu ku biharage n’ibigori uba muke cane. Basaba kubwo buyobozi bwoza burubahiriza ikirangaminsi ngo kuko mur’iyo Komine abarimyi barerekanwa n’imvura ya mbere bagaca bateragira kuko hakunda kwibonekeza uruzuba.
  5. Amakuru ajanye n’impunzi z’abarundi ziba mugihugu ca Tanzaniya. Amashirahamwe 19 aharanira agateka ka zina muntu asaba Leta ya Tanzaniya guhagarika umugambi wo gushaka gutahukana kunguvu impunzi z’abarundi utegekanijwe muri kigarama uno mwaka. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye kw,igenekerezo rya 28 Rusama asaba amakungu n’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko kugondoza leta ya Tanzaniya kugira ihagarike iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko agenga impunzi.

Ibindi bisa n'ibi