Ibiro bikuru vy’igisirikare c’u Burundi vyararungitse umurwi w’abasirikare b’u Burundi bangana i peloton winjiye mu gihugu ca repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo muri iyi ndwi mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko. Igikorwa bahawe akaba ari ukurondera amakuru ku birindiro vy’abarwanyi ba Aloys Nzabampema kugira bazoheze bamutere. Abo basirikare bose bakaba bagiye bambaye imyambaro ya gicivile.
Mw’ikambi y’impunzi z’abarundi baba muri Tnzaniya aho hari impunzi y’umurundi azwi kw’izina rya Manirakiza Elias aba mw’ikambi y’I Nduta mugihugu ca Tanzaniya yanyurujwe mugitondo co kur’uno w’agatandatu igihe c’isaha cumi nimwe n’iminota mirongo itatu. Amakuru ava muri iyo kambi akavuga ko yatwawe n’imodoka itazwi irimwo abantu bambaye umwambaro w’igipolisi. Abiwe bafise amakenga ko ashobora kwicwa kuko gushika ubu atawuzi iyo bamutwaye.
Imyidogo ni myinshi mu mpunzi z’abarundi zahungiye mw’ikambi ya Nduta iri mugihugu ca Tanzaniya. Izo mpunzi zidoga zivuga ko zimaze igihe zikoreshwa ibikogwa biruhisha n’abategetsi ba Tanzaniya. Izo mpunzi zivuga ko ku musi kumusi hatwagwa umwe murugo gose kugira aje gukora mubikogwa vya leta. Izo mpunzi zikabona ko ari ubundi buryo bwo kuziruhsiha kugira zitahuke kunguvu.
Reta ya Tanzaniya iriko ikoresha impunzi z’Abarundi nk’abaja kandi iriko inabicisha n’inzara. Ivyo binegurwa n’urunani rw’Abarundi baharanira agateka k’impunzi ziba mu makambi CBDH-VICAR. Léopold Sharangabo arirongoye abivuze inyuma y’aho impunzi zo mw’ikambi y’I Nduta zimenyesheje ko abategetsi bazitwara ku nguvu gukorera mu mirima kandi ntihagire ico bahembwa. CBDH-VICAR ikananegura ingendo y’ishirahamwe HCR ikoresha amajambo yo gushigikira iyo ngendo ya reta ya Tanzaniya.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku kibazo c’abakozi ba Reta bahembwa batabaho kibandanya gutera uruhombo runini mu kigega ca Reta.
Imbere yo gusozera ano makuru ,mukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na mugenzi wacu Eddy Claude Nininahazwe.