Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 1 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Imyaka 62 irarumunye kuriri genekerezo rya 1 Mukakaro Uburundi buronse intahe yo kwikukira. Mw’ijambo ryashikirijwe n’incungu y’uburundi yaharaniye ukwikukira yahamagariye abarundi mubudasa bwabo gutsimbataza ubumwe n’urukundo. Ariko ivyo yasavye abarundi vyabaye amasigara cicaro.
- Umumenyeshamakuru akorera radiotélévision Isanganiro mu ntara ya Gitega, yarakubaguwe kuruyu w’Imana n’uwurongoye igipolisi muriyo ntara Gitega. Umuyobozi wa Radio Isanganiro aranegura iyo nyifato yuwo arongoye igipolisi yo gukubagura umumenyeshamakuru ariko arakora umwuga wiwe.
- Abanyeshule bari mubiruhuko bikuru birabujijwe ko barenga imbibe z,igihugu Kugirango bazokwitabire ibikorwa vy’iterambere no gukundishwa igihugu. Ivyo nibiheruka gushikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu. Mw’ishirahamwe Ligue Iteka baranegura iyo ngingo kuko iteye kubiri n’amategeko. Kaze mwese
Kuriri rino genekerezo rya 1 Mukakaro Uburundi buhimbaza imyaka 62 bumaze buronse intahe yo kwikukira. Mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kw’icenda umwaka w’1961 igihe umugambwe wiwe UPRONA wari uhejeje gutsinda amatora, uwaharaniye ukwo kwikukira umuganwa Ludoviko Rwagasore yahamagariye abarundi bose gutsimbataza ubumwe n’urukundo, kugira bashobore kwitunganiriza kazoza k’igihugu cabo. Tumutege amatwi.
Mw’ijambo ryiwe ryo guhimbaza imyaka 62 Uburundi bumaze buronse intahe yo kwikukira, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aremeza ko igihugu kitararonka ubwigenge mu vy’ubutunzi. Yahamagariye abarundi bose kugwanya ubunebwe , abategetsi nabo abasaba gutanga akarorero keza mu bikorwa kugirango igihugu kize gishike kw’iterambere rirama. Tumutegamatwi.
Umumenyeshamakuru akorera radiotélévision Isanganiro mu ntara ya Gitega, Gérard Nibigira, yarakubaguwe kuri uyu w’Imana na commissaire arongoye igipolisi muriyo ntara Evariste Habogorimana, arahagarikwa, yongera ajanwa gupfungwa mu kiringo c’amasaha ane. Ibikoresho vyiwe vy’akazi bikaba vyarafashwe n’uwo arongoye igipolisi amuhora yuko yariko afata amasanamu abapolisi bariko bakubagura abanyagihugu bari batondeye igitoro kuri station imwe iri muriyo ntara ya Gitega. Umuyobozi wa radiotélévision Isanganiro, Charles Makoto, aranegura inyifato yuwo arongoye igipolisi mu ntara ya Gitega, mu gihe umumenyeshamakuru we yari mukazi kiwe. Arasaba yuko ibikoresho vyiwe vy’akazi yobisubizwa, agahamagarira abamenyeshamakuru kuguma ishaka mu kazi kabo. Kurikira.
Pieds : Charles Makoto akaba yabivugiye kuri radio Isanganiro. Tubibutseko Evariste Habogorimana, arongoye igipolisi mu ntara ya Gitega, yaheruka gukubagura umumenyeshamakuru akorera ikinyamakuru Iwacu muriyo ntara.
Turabandanya amakuru twabateguriye. Abanyeshule bari mubiruhuko bikuru birabujijwe ko barenga imbibe z,igihugu Kugirango bazokwitabire ibikorwa vy’iterambere no gukundishwa igihugu vyateguwe mubiruhuko.Ivyo vyashikirijwe n,umushikiranganji w,intwaro yo hagati mugihugu n,iterambere Martin Niteretse hari kw,igenekerezo rya 27 Ruheshi muntara ya Gitega. Kubwa Anchaire Nikoyagize arongoye umuhari Iteka ngo iyo ngingo iciye kubiri n,ibwirizwa nshingiro riha uburenganira umurundi wese kw,ishira no kw,izana. Mw,itangazo ryasohowe n,uwo muhari, Anchaire Nikoyagize awurongoye asaba umushikiranganji guhagarika iyo ngingo atakindi igamije atari guhonyanga agateka kurwaruka ruri mubiruhuko.Kurikira
Uburundi buzira ko hari ibihugu biburementaniriza kubera agateka ka zina muntu vyakagize ikibazo ca politike. ivyo vyavuzwe n’umushikiranganji w’Agateka ka muntu kumusi wagatanu mukiganiro c’abashikiranganji b’igihugu. Imelde Sabushimike akaba yabivuze kugira yizeze Abarundi ko Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH utazotakaza ikibanza c’ubwigenge mu Nama ijejwe agateka ka zina muntu ya ONU. Kubwiwe ngo uburundi burubahiriza agateka kazina muntu bikwiye. Kurikira
Mw’ishirahamwe ACaT Burundi siko babibona ahubwo ngo leta isabwa kworohereza umurwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH mu kutivanga mu bikorwa vyawo kugira ushobore kwerekana ko wigenga koko. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa mur’iryo shirahamwe, avuga ko umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu atariwe yari kwishura kw’igabishwa ry’uwo murwi ko ushobora gukororwa n’Inama ijejwe agateka ka zina muntu muri ONU. Kurikira Anitha Gateretse.
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha