Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 02 Mukakaro 2024

Publié le 2 juillet 2024 par Rédaction

 

Turi ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 02 Mukakaro umwaka w’2024, sangw’ikaze bakunzi mwese ba radio Inzamba agateka kawe murano makuru twabateguriye, ayo nayo tukaba tugira tuyahere ku ngingo nkuru nkuru ziyagize.

  • Ubushomeri mu rwaruka rw’Uburundi ngo bwararanduranywe n’imizi mu gihugu, abatari ku kivi nabo ngo n’ibinebwe vyonyene. Vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye mw’ijambo yashikirije abarundi aho bibuka imyaka 62 iheze Uburundi bushitse ku ntahe yo kwikukira. Iyo mvugo ikaba inegurwa n’ishirahamwe rihamagarira Abarundi kuba intungane RCP, aho ribibonamwo imvugo yagakengere n’agashinyaguro ku rwaruka rwugarijwe n’ibibazo bitandukanye.
  • Mu gisata c’agateka ka zina muntu, abantu barenga 10 nibo bamenyekanye ko bishwe mu ndwi iheze gusa, batatu murabo batowe ari ibiziga. Ibitigiri tubisanga mu cegeranyo c’umuhari Iteka. Abakekwa gukora ayo mabi akaba ari bamwe mubo mu nzego zijejwe umutekano na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure.
  • Abavyeyi bafise abana bariko barataha mu buruhuko barahagaritswe umutima n’iduzwa ry’itike yo kwiyunguruza. Abafata urugendo rwa Gitega-Ngozi, itike ikaba yavuye ku mafranga ibihumbi 8 aja ku bihumbi 25.

Ndasubiye kubaha ikaze murano makuru tugira duhere mu gisata c’agateka ka zina muntu.

Abantu barenga 10 barishwe mu ndwi iheze gusa, batatu murabo batowe ari ibiziga, hamwe n’abandi bane bahagaritswe bidakurikije amategeko. Ivyo tubisanga mucegeranyo casohowe kuruyu musi wakabiri co kuva kuwa 24 gushika kwigenekerezo rya 30 Ruheshi uyu mwaka n’umuhari uharanira agateka kazina muntu Iteka. Célestin Ruribikiye icegera c’ujejwe kumenyeshamakuru mumuhari Iteka akavuga ko ayo mabi yakozwe ahanini n’inzego zijejwe umutekano na bamwe murwaruka rw’imbonerakure. Kurikira.

Ano makuru tuyabandanyirize kurino nkuru ivunaguye ivugwa mu gisata co kumenyesha amakuru.

Umumenyeshamakuru Gérard Nibigira, akorera radio na télévision Isanganiro mu ntara ya Gitega, aramaze iminsi ibiri atariko arakora umwuga wiwe nkuko bitegerezwa, inyuma yaho ibikoresho vyiwe harimwo téléphone ngendanwa bifatiwe n’igipolisi mu ntara ya Gitega. Uwurongoye igipolisi muriyo ntara, Evariste Habogorimana, yagiriza Nibigira kumwararaza. Akaba yemezako yahaye amakuru umumenyeshamakuru Bob Rugurika yahunze igihugu ko uwo arongoye igipolisi ari mubakora urudandazwa rwa magendo rw’igitoro. Ivyo umumenyeshamakuru Gérard Nibigira yiyamiriza akemezako atarigera avugana na Bob Rugurika. Naho biruko, uwo arongoye igipolisi akaba yaranse gusubiza ivyo bikoresho akabivugako akibikeneye ku mvo z’amatohoza. Radio na télévision Isanganiro Gérard Nibigira akorera, ibandanya kwiyamiriza iryo burabuzwa ariko arakorerwa kuko ariko azira umwuga wiwe wo kumenyesha amakuru. Tubibutseko ivyo bikoresho vyafashwe nuwo arongoye igipolisi amwagiriza yuko yariko afata amasanamu abapolisi bariko bakubagura abanyagihugu bari batondeye igitoro kuri station imwe iri muriyo ntara ya Gitega Gérard Nibigira akaba abaye umumenyeshamakuru aburabujwe n’uwo arongoye igipolisi mu ntara ya Gitega. Uwaheruka akaba ari umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu.

 

Mu gisata co kwiyunguruza,

Itike yo kwiyunguruza yariyongereye mur’ino misi abanyeshure bariko barataha bahejeje ibibazo biheza umwaka. Akarorero ni urugendo rwa Gitega-Ngozi, aho mur’ino misi itike yavuye ku 8 000 ija ku 25 000 vy’amarundi. Abavyeyi b’abana bavuga ko naho bibagora kuronka ayo mafaranga, inyifato y’abashoferi yo kuduza amahera y’itike yumvikana kuko bakoresha igitoro baguze kuri magendo ku giciro kizimvye. Basaba Leta kuduza imishahara bafatiye ku kungene ibintu vyose vyaduze, iyi nkuru tuyibaze Joséphine Jones Nkunzimana.

Amakuru twabateguriye arabandanya kuri radio Inzamba agateka kawe,

Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aremeza ko ubushomeri bwaranduranywe n’imizi mu rwaruka ruri mu gihugu. Ivyo umukuru w’igihugu yabishikirije mw’ijambo yashikirije abarundi aho bibuka imyaka 62 iheze Uburundi bushitse ku ntahe yo kwikukira. Umukuru w’igihugu akavuga ko ibinebwe vyonyene arivyo biguma bireze amaboko abandi bose bari ku kivi. Kurikira.

 

Iyo mvugo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’imvugo yagakengere n’agashinyaguro yerekana ko afata abarundi cane cane urwaruka ko ata bwenge bagira mugushaka kunyegeza amagorwa abarundi muri kino gihe barimwo. Ivyo bivurwa n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe rihamagarira abarundi kuba intungane RCP. Gervais Nibigira avuga ko iyo muburundi urwaruka ruba rufise akazi leta ntiyari kuba yaragize amasezerano n’ibihugu vy’abarabu bikeneye urwaruka ruja gukora iwabo. Kurikira.

 

Urwaruka rw’Uburundi ntirwigeze rwitabwaho n’intwaro zihitiye kugira zirukure mu bibazo vyurutavanako rwaciyemwo, ari naco gituma rutitabira ibikorwa vya politike y’igihugu nka bakuru barwo mubijanye no guharanira igihugu gishingiye ku mategeko nkuko umuganwa Rudoviko Rwagasore yavyipfuza. Niko mu muhari w’urwaruka MIJEB babibona mu gihe Uburundi bwaraye buhimbaje imyaka 62 iheze buronse intahe yo kwikukira. Daniel Ngendakumana, umuvugizi w’umuhari MIJEB, arafise icizere k’ubu urwaruka rwamaze guca ubwenge rukamenya ibibera mu gihugu, akarusaba no kwiyumvira inyishu ku bibazo bihari. Kurikira.

Ni hano amakuru twariko turabashikiriza kuri uno wa kabiri duciye tuyasozerera, reka nshimire mwebwe mwese maduteze abiri, nshimire nabagenzi banje bamfashije kuyegeranya, kuri micro mwarikumwe na Jean Marie Ndabashinze, nahubutaha.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi