Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 04 Mukakaro 2024

Publié le 4 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa    kane n,igenekerezo  rya    4 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ry,amakuru mukirundi mushikirizwa na  jean Marie Ndabashinze nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  1. Kw’ishule shingiro rya Murambi ni muri komine kibago muntara ya Makamba havurwa umwigisha wo mumwaka w,indwi yahaye ikibazo umwana w’umwigeme y,igisha muntumbero yo gushaka kumushurashuza. Abarezi bo kuri iryo shule basaba ko uyo mwigisha azwi kw’izina rya Gérôme Ndayihimbaze yo shengezwa imbere y’ubutungane.
  2. Ngo birababaje kuboma umupfasoni Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga w,ishule lycee Christ Roi ryo kumushasha yejejwe n,ubutungane bwa sentare y,iyungururizo rikukira intara ya gitega kuruno wa kabiri ataciye arekurwa ubwo nyene. Ivyo n,ibimenyesha na jean C laude Ntiburumunsi ajejwe igisata c,ubutungane mw,ishirahamwe ACAT BURUNDI aho avuga ko ivyo biha ishusho mbi ubutungane bw,igihugu.Asaba abarongoye inzego z,ubutungane kw,ubahiriza  ingingo ziba zafashwe na sentare.
  3. Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyesha makuru bikora kuva uno munsi ruramutsa n,umupfasoni Esperance Ndayizeye.uwo yahoze ari umumenyeshamakuru kuri radiyo television y,igihugu akaba yatowe n,abagize urwo rwego kuruno wa kane akaba amenyesha ko azoshira imbere ubwigenge bw,umwuga wo kumenyesha amakuru. Kwari guca kumayange.Aya n,ayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mugisata kijanye n’igisata c’indero

Muri komine Kibago mu ntara ya Makamba havurwa umwigisha wo kw’ishure shingiro rya Murambi yahaye ikibazo c’icigwa yigisha agiha umwana w’umwigeme yiga mu mwaka w’indwi. Ivyo uyo mwigisha azwi kw,izina rya Gérôme Ndayihimbaze ngo akaba yabikoze muntumbero yo gushaka kumushurashuza. Abarezi bo kur’iryo shure basaba ko uwo mwigisha Gérôme Ndayihimbaze yoshengezwa imbere y’ubutungane hanyuma agahanirwa  ikosa yakoze mu gihe rimwagiriye, kuko ngo bimaze kwibonekeza ko mur’iyo ntara hari ho abakora amakosa nk’ayo ntibahanwe, inkuru ya  Jean  Marie Ndabashinze …

 

Naho mugisata c,ubutungane Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishuli ryisumbuye Lycée Christ Roi de Mushasha mu ntara ya Gitega,  nubu aracari mu munyororo kandi sentare yaramwambitse izera ku musi wa kabiri w’iyi ndwi , inyuma y’amezi 18 yaramaze afunzwe yagirizwa kuba yaradomye urutoki k’ubushurashuzi ku bana babakobwa bwakogwa n’umuyobozi w’iryo shuli. Ishirahamwe ACAT BURUNDI rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu , risigura ko Emilienne Sibomana yarakwiye guca arekurwa ubwo nyene sentare ihejeje kumweza. Iryo shirahamwe riranegura ingendo  y’abategetsi bo mu butungane bama bagumije mu munyororo abantu bejejwe n’ubutungane canke baheje imisi yabo yo gufungwa, ukwo ngo n’uguhonyanga amategeko . Dutegamatwi Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI.

Esperance Ndayizeye niwe yatowe kuruyu musi wakane mukibanza co kurongora urwego rwa leta CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi. Muvyo yiyemeje harimwo gukingira agateka k’abamenyeshamakuru n’ukubahiriza ubwigenge mumwuga wabo wa misi yose.  Esperance Ndayizeye akaba yavuze ko urwego CNC kandi rutazigera rusubirira ubutungane. Akavuga ko abajejwe intwaro nabo bakwiye gutahura ko abamenyeshamakuru bafise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu. Kurikira

PIED : Tubamenyeshe ko Esperance Ndayizeye akaba asubiriye Vestine Nahimana muburongozi bw’urwego CNC.

Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata kijanye no kunywanisha abarundi no kurekuriranira aho ikigo citiriwe amahoro no kurekuriranira cuguruwe icese ku musi wa kabiri n’Inama nkuru y’abepiskopi katolika mu Burundi. Ico kigo kikaba cubatswe i Kiriri muri zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura. Musenyeri Bonaventure Nahimana arongoye iyo nama y’abepiscopi, avuga ko ico kigo kije gusahiriza mu gikorwa co kuvavanura n’indyane zaranze kahise k’igihugu. kurikira musenyeri Bonaventure Nahimana.

Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru yacu nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya umwe wese kugiti ciwe.Ano makuru mwayashikirijwe najewe  J ean  Marie Ndabashinze  nahubutaha.

 

 

Ibindi bisa n'ibi