Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 07 Mukakaro 2024

Publié le 7 juillet 2024 par Rédaction

Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aremeza ko ubushomeri bwaranduranywe n’imizi mu rwaruka ruri mu gihugu. Ivyo umukuru w’igihugu yabishikirije mw’ijambo yashikirije abarundi aho bibuka imyaka 62 iheze Uburundi bushitse ku ntahe yo kwikukira. Umukuru w’igihugu akavuga ko ibinebwe vyonyene arivyo biguma bireze amaboko abandi bose bari ku kivi. Kurikira.

Iyo mvugo y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’imvugo yagakengere n’agashinyaguro yerekana ko afata abarundi cane cane urwaruka ko ata bwenge bagira mugushaka kunyegeza amagorwa abarundi muri kino gihe barimwo. Ivyo bivurwa n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe rihamagarira abarundi kuba intungane RCP. Gervais Nibigira avuga ko iyo muburundi urwaruka ruba rufise akazi leta ntiyari kuba yaragize amasezerano n’ibihugu vy’abarabu bikeneye urwaruka ruja gukora iwabo. Kurikira

Urwaruka rw’Uburundi ntirwigeze rwitabwaho n’intwaro zihitiye kugira zirukure mu bibazo vyurutavanako rwaciyemwo, ari naco gituma rutitabira ibikorwa vya politike y’igihugu nka bakuru barwo mubijanye no guharanira igihugu gishingiye ku mategeko nkuko umuganwa Rudoviko Rwagasore yavyipfuza. Niko mu muhari w’urwaruka MIJEB babibona mu gihe Uburundi bwaraye buhimbaje imyaka 62 iheze buronse intahe yo kwikukira. Daniel Ngendakumana, umuvugizi w’umuhari MIJEB, arafise icizere k’ubu urwaruka rwamaze guca ubwenge rukamenya ibibera mu gihugu, akarusaba no kwiyumvira inyishu ku bibazo bihari. Kurikira.

Naho mugisata c,ubutungane Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishuli ryisumbuye Lycée Christ Roi de Mushasha mu ntara ya Gitega,  nubu aracari mu munyororo kandi sentare yaramwambitse izera ku musi wa kabiri w’iyi ndwi , inyuma y’amezi 18 yaramaze afunzwe yagirizwa kuba yaradomye urutoki k’ubushurashuzi ku bana babakobwa bwakogwa n’umuyobozi w’iryo shuli. Ishirahamwe ACAT BURUNDI rigwanya ihohotegwa rya kiremwa muntu , risigura ko Emilienne Sibomana yarakwiye guca arekurwa ubwo nyene sentare ihejeje kumweza. Iryo shirahamwe riranegura ingendo  y’abategetsi bo mu butungane bama bagumije mu munyororo abantu bejejwe n’ubutungane canke baheje imisi yabo yo gufungwa, ukwo ngo n’uguhonyanga amategeko . Dutegamatwi Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI.

Tukiri ngaho mu ntara ya Gitega Ikigo OPB gikurikiranira hafi ingene ibinyamakuru bikora, kiriyamiriza ingendo y’umuyobozi w’igipolisi mu ntara ya Gitega Evariste Haborimana asa n’uwenyuje mu kuburabuza abamenyeshamakuru bakorera muri iyo ntara. Ico kigo gitanga akarorero ka hafi, aho umumenyeshamakuru akorera radiyo Isanganiro muriyo ntara Gerard Nibigira, kuri uwu w’imana uheze yaburabujwe n’uwo mutegetsi mu gipolisi yongera amwaka n’ibikoresho vy’akazi vyiwe gushika nubu akaba atarabisubizwa. Innocent Muhozi arongoye ikigio OPB asaba ashimitse ko uwo mumenyeshamakuru yosubizwa ibikoresho vy’akazi vyiwe, hanyuma uwo mupolisi nawe akabazwa kuvyerekeye iyo ngendo yiwe. Tumutegamatwi.

Agateka ka zina muntu kabandanya gatosekara mu BURUNDI. Urwaruka rw,imbonerakure rufadikanije n,abamwe bo munzego z,umutekano n,iperereza bakaba badomwako urutoke n,intumwa idasanzwe y,ishirahamwe  mpuzamakungo ONU  ijejwe  gukurikirana ibijanye n,agateka ka zina muntu mu Burundi Fortune Gaetan Zongo. Iyo ntumwa idasanzwe ivuga ko hamwe atacokorwa hashobora kwaduka ibindi vyago mugihugu nk,ivyahitiye.Yabishikirije kuruno wa kane I Geneve munama igira 56 y,ishirahamwe mpuzamakungu Onu iraba ibijanye n,agateka ka zina muntu .kurikira

 

Ibindi bisa n'ibi