Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 8 Mukakaro umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru ziyagize
- Hari imyidogo myinshi iri mubanyororo bapfungiwe mw’ibohero ry’intara ya Bubanza. Imvo yavyo nuko bakatiwe amazi muryi minsi kandi bakaba bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara ziturutse kwisuku rike. Uwagirizwa ivyo akaba ari umusirikare yitwara nk’uwurongoye ibohero.
- Abanyeshure nabo barenga 1500 bo muntara ya Muyinga nibo bitezwe kuzokora kuruyu wa kabiri ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza. Umuyobozi w’indero muriyo ntara akaba asaba abanyeshure bose kuzinduka mubibanza bakoreremwo ico kibazo kugira birinde inkurikizi mbi.
- Imigenderanire hagati y’ibihugu vy’akarere yoba igiye gusubira kuba myiza. Ivyo vyibazwa n’abatari bake inyuma y’inama imaze imisi i zanzibar muri Tanzaniya hagati y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire bo mukarere k’africa y’ubuseruko. Navyo nyene muraza kubikurikira mw’ido n’ido muakanya gato.
Ndasubiye kubaramutsa
Icuka si ciza mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Abapfungwa muri kino gihe bakaba barakatiwe amazi mumabombo, bakagira amakenga ko buzima bwabo. Amakuru ava muriryo bohero rya Bubanza, yemezako igisongerezi mu ntwazangabo bita « Decorps », ariwe ari inyuma yizo ngingo, ngwakaba yitwara nk’uwurongoye ibohero. Ido n’ido na Evelyne Mukeshimana
Arakoze Evelyne Mukeshimana
Abaregwa barenga 1700 bo mu mwaka wa nyuma w’ishure nshingiro mu ntara ya Muyinga nibo ejo ku musi wa 2 aho bukera bazokora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kwiga muri Kaminuza. Ico kibazo kikazokorerwa mu bibanza 4, nkuko amakuru ava mu buyobozi bw’indero n’inyigisho mur’iyo ntara avyemeza. Umuyobozi w’indero mu ntara ya Muyinga, Blaise Pascal Misago, agahamagarira abana kurara mu ndaro y’ishure kur’uno wa mbere ahazokoregwa ico kibazo kugira birinde ibibasamaza canke ivyobacereza. Ido n’ido na Josine Kaze
Leta y’uburundi iherutse gusaba ubugira kabiri kwinjira mu muryango w’ibihugu vyiyemeje guteza imbere ubutunzi buvuye m ,ubutare n,agataka harimwo n,ibitoro. Uyo muryango ukaba w,ashinzwe mumwaka 2003 n’ibihugu 140 vyo kw,isi muntumbero yo kurwanya igiturire murico gisata kugirango abanyagihugu bashobore gutora akoyoko mumafaranga aba avuye murubwo butare. Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wambere Gabriel Rufyiri arongoye Olucome arasigura bimwe mubisabwa kugira igihugu cemererwe kwinjira muruyo muryango.
Gabriel Rufyiri avuga ko iyo ngingo y’uburundi yo gusaba kwinjira muruyo muryango ije hageze kuko amafaranga ava mugisata c,ubutare kenshi atawumenya irengero ryayo. Nubu nyene tumukurikire.
Radio inzamba Turabandanya ayo twabateguriye
Imigenderanire hagati y’ibihugu vy’akarere yoba igiye gusubira kuba myiza ? Ico ni co cizere cibonekeza inyuma y’imibonano y’abashikiranganji b’imigenderaniye n’amakungu b’Uburundi, Urwanda na Congo. Iyo mibonano ikaba yabereye i Zanzibar inyuma y’inama yakoranije mur’iryo zinga abashikiranganji b’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Africa y’ubuseruko. Ido n’ido na Pierre Gahungu
PIED : Mw’itangazo rihejeje gusohorwa kuruyu wambere n’umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko rivuga ko Abashikiranganji b’Uburundi n’igihugu c’Urwanda bajejwe imigenderanire biyemeje kuzoganira ikibazo c’uburundi n’urwanda kwigenekerezo rya 31 Gitugutu uyu mwaka wi 2024.
Imbere yo gusozera, tugaruke kumakuru y’inkino aho ihiganwa rya basket ball ku rwego rw’igihugu ku munsi wa gatandatu ariho ryatangura. Imirwi y’Urunani na Dyanmo n’ubu bikaboneka ko iciharije iryo higanwa. Ni mu gihe umurwi wa New star wo uri muyabira kuko watakaje inkino zibiri za mbere. Abanonotsi bazoserukira uburundi muri za nkino mpuzamakungu Jeux Olympiques zizobera i Paris mu Bufaransa kuva kuwa 26 mukakaro, ejo niho bafata indege yabashikanye muri ico gihugu. Nayo umurwi wa Vital’o umenyesha ko ukeneye imiliyoni amajana 6 y’amarundi kugirango witegurire neza ihiganwa ry’uyu mwaka. Inkuru ya Josephine Jones Nkunzimana
Arakenuye na Josephine Jones Nkunzimana
Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Nahubutaha