Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 13 Mukakaro 2024

Publié le 13 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa gatandatu  n,igenekerezo rya 13 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ry,amakuru mukirundi mushikirizwa na   Pierre Gahungu nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

 

  • Amatora uburundi bw,imirije mumwaka 2025 ashobora kuzoba mabi cane kurusha amatora yose uburundi bwaciyemwo kuva 2005. Ivyo nibivurwa na Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU aho avuga ko  ari iryambere inzego zijejwe gutunganya amatora zose  z,iharijwe n,umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD  na ba somambike babo.
  • Amakenga ni yose kumuryango w,umukenyezi aba muri karatiye Mutanga nord ni mugisagara ca Bujumbura. Uwo bahoze bubakanye haciye imyaka itatu bavanye  azwi nkw,izina rya  Mucowintore Remy  kuruno wakane yahatswe kumwaka ubuzima. Uyo mugabo asanzwe ari imbonerakure yegereye umukuru w,igihugu akaba  ashaka kumucura kunguvu ngo basubire babane.
  • Mukiganiro kw,isoko cuno munsi naho ,tugaruka kungingo ya sentare isubiramwo imanza muntara ya Gitega yari yafashe yo kurekura Emilienne  Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw,ishule ry,isumbuye  christ roi ryo kumushasha amaze indwi zibiri yejejwe n,ubutungane akaba atararekurwa.Aya n,ayandi ni mukanya.

Sangwa ikaze,

Ano makuru tuyahere mugisata ca politike.Umugambwe CODEBU  ntacizere na gito ufise kumatora y,imirije mumwaka 2025 ni 2027.Kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU avuga ko ayo matora ashobora kuba mabi gusumba amatora yose amaze kuba mu BURUNDI kuva mumwaka 2005 ngo kuko n,iryambere inzego zose z,ijejwe gukurikirana no gutegura amatora z,iharijwe n,umugambwe uri kubutegetsi n,abo bacuditse. Tega amatwi kefa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU.

Kefa Nibizi avuga kandi ko naho atacizere bafitiye ayo matora asaba abanyagihugu kudacika intege nyabuna nibaba bashaka ko ibintu bihinduka bazoyitabire cane cane mukuyacungera ntihagire ababaca muryahumye.

Kur’ino tariki 13 Mukakaro 2024, imyaka umunani irarumanye umupfasoni Hafsa Mossi agandaguwe. Yiciwe imbere y’urugo iwe muri quartier Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Ico gihe Hafsa Mossi yari umushingamateka mu nama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu vy’akarere ka Africa y’ubuseruko EALA. Imbere y’aho akaba yari umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’akarere k’Africa y’ubuseruko. Yari yarakoze imyaka itari mike nk’umumenyeshamakuru muri radiotélévivision y’igihugu, n’iradiyo y’Ubwongereza BBC. Hafsa Mosi yari mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ariko abatari bake bakavuga ko icamuranga wari umutima w’ikigongwe, aho atatinya kunegura amabi yakorerwa mu Burundi. imisi mike iheze, umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko abantu batatu bakekwa kuba barakoze ubwo bubisha bafashwe.

 

Nayo mugisata kijanye n,imibano hari umukenyezi aba muri quartier Mutanga Nord yo mu Gisagara ca Bujumbura yahatswe kugandagurwa mw’ijoro ryo Ku musi wa Kane n’umugabo wiwe bamaze imyaka irenga itatu batabana. Ababanyi b’umuryango uwo mukenyezi abamwo baratabaza kubw’umutekano wabo kuko uwo Mucowintore Rémy bahoze bubakanye adasiba kubatera ubwoba avuga ko atagarutse ngo babane azomugandagura. Ivyo vyose akabikora kuko avuga ko ari imbonerakure idakomwakomwa kuko yegereye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Ido n’ido na janvier Habarugira

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka kungingo  ya sentare isubiramwo imanza ya Gitega yejeje Emilienne Sibomana, ariko inyuma y’indwi zibiri akaba akibarizwa mw’ibohero. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Bonfils Niyongere.

Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mushikirizwa na Eddy Claude Nininahazwe.

Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru yacu nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya umwe wese kugiti ciwe.Ano makuru mwayashikirijwe najewe  Pierre Gahungu nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi