Turi kuwa kane n,igenekerezo rya 18 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Abakoroni bababirigi ngo baranyegeje amatoni y.amabuye agaciro kugira bagumize abarundi mubukoroni .Ivyo blvurwa numukuru w.lghugu Evarste Ndayishimiye. kUbwa frederic Banvuginyunvira arongoye urunani cfor Arusha ubwiwe ngo igihambaye si kwidoga nukuja mubikorwa.
- Ngo icizere cishirwa mungiro civyo umukuru w.igihugu yemereye abakukuruke haciye imyaka ine si ikirenga.Bavuga ko barindiye amaso ahera munzira. Ishirahamwe Parcem ribona ko ikigo BBN glkwiye kuronswa uburyo buhagije kugira gikore neza kurugero rw.ibindi bihugu vyo mukarere.Nimugihe haraye hafashwe ingingo yo kubuza kudandaza ikinyobwa Sapor ingingo yafashwe na leta.Aya n.ayandi ni mukanya.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha ikaze.
Abakoloni bababirigi baranyegeje amabuye y’agaciro ivyo bita ubutare, kugirango bagumize Uburundi mu bukene .Ivyo ni ibivugwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye , hari ejo ku wa gatatu muri komine Busoni mu ntara ya Kurundo , ni mu gihe yari ahejeje kugendera ikinogo kirekire , aho yiboneye ubutare bwinshi bwari bunyegejeyo . Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yasavye abarundi bose gukora , bakima amatwi abanyamahanga badashaka iterambere ry’igihugu .
Urunani CFOR – ARUSHA ruhurikiyemwo abanyepolitique batavuga rumwe na leta , rubonako igikomeye atari ukwidoga bagiriza aba na bariya , igikomeye ahubwo ngo nuko hokorwa ikarata y’Uburundi nshasha ijanye n’ubutare , hagashigwaho na politike y’igihugu ijanye no gucukura ubwo butare . Twumvirize Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA.
Tukiri mugisata cubutunzi Igihe cose ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw,ibidandazwa bikorerwa mugihugu canke biva hanze kitazoba kiraronswa uburyo n,ubuhinga buhagije n,abakozi babishoboye kugira kije kurugero rw,ibindi bigo vyemewe hazokwama hariho ingorane.Ivyo n,ibivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem n,inyuma yaho ikigo BBN gifatiye ingingo yo guhagarika ikinyobwa Sapor. Faustin Ndikumana avuga kandi ko abategetsi haraho baremera ico kigo mukugisaba gutanga impusha kubiciruzwa bidakwije ibisabwa n,amategeko.Tega amatwi Faustin Ndikumana.
Icizere c’ishirwa mu ngiro y’ivyo umukuru w’igihugu yemereye abakukuruke caramaze kugabanuka. Bishikirizwa na bamwe mu bakukuruke bavuga ko bamaze kurambirwa n’amajambo y’abategetsi aguma abizeza ariko amaso agahera mu nzira. Bavuga ko batumva ingene imyaka 4 yose ishobora guhera iryayazwe n’umukuru w’igihugu ridashirwa mu ngiro. Iyi nkuru tuyibaze Olivia Gakima
[Tariki 18 Mukakaro, n’Umusi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandala. Uwo musi washinzwe kuva mu 2009 n’ishirahamwe ONU kugira abantu bo mu mihingo yose y’isibibuke ukwitangira kiremwa muntu k’uwo yahoze arongoye Africa y’Epfo. Intumbero ikaba ar’uko umwe wese aho ari hose ashobora gukora kugira habe impinduka nziza. Ku bwa ONU, umwe wese afise ububasha bwo guhindura isi kugira imere neza kurusha.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru nkaba nshimiye mwebwe mwese mwadukurikiye n’agahwane.