Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 19 Mukakaro 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Hari abantu batanu bo k’umusozi wa Sampeke wa commune Kayogoro babarizwa mugasho haraheze indwi. Bakaba bafashwe n’igipolisi bagirizwa ibikorwa vy’uburozi bafadikanije n’abantu bo muri Tanzaniya. Ariko ababanyi babo bavuga ko bazira ko ari abanywanyi b’umugambwe CNL.
- Baratabaza ko hogira igikozwe kugira ntibandure indwara ziturutse kwisuku rike. Abo nabo n’abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi baba mukigo ca campus Kamenge. Ico kigo ngo kimaze hafi indwi zitatu ata n’ima ry’amazi riharangwa. Muraza kubikurikira.
- Nayo mugisata c’amagara y’abantu hari indwara iteye amakenga imaze imisi yibonekeza muri commune ya mugamba y’intara ya Bururi. Mubimenyetso vyayo hakaba harimwo ibihere bikwira umubiri wose. Iyo ndwara iravugwa ko yatandukiriye intara Bujumbura bita rural. Mubushikiranganji bw’amagara y’abantu barahumuriza ko atari indwara yicaduka bisunze ibipimo vyakozwe. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya
Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’agateka kazina muntu.
Abantu 5 bo ku musozi Sampeke muri komine Kayogora mu ntara ya Makamba bamaze indwi mu buroko. Bafashwe n’igipolisi gifadikanije na musitanteri w’iyo komine, bakaba bagirijwe ibikorwa vy’ubufyitirizi bakorana n’abatanzaniya. Ariko abegereye imiryango yabo bavuga ko ahubwo boba bazira imvo za politike kuko ari abanywanyi b’umugambwe utavuga rumwe na leta cnl. Iyi nkuru tuyibaze Janvier Habarugira.
Uburaro bwa kaminuza y’u Burundi mu Kigo co mu Kamenge baramaze indwi zitatu ata mazi bafise. Abanyeshure bo murico kigo bafise amakenga ko bashobora kwandura indwara ziturutse kw »isuku rike. Bagasaba abarongoye kaminuza gufasha ngo ico kibazo c’ubukene bw’amazi gitorerwe inyishu. Ido n’ido na Bonfils Niyongere.
Tubandanye amakuru twabateguriye mugisata c’amagara y’abantu
Hari ingwara itaramenyekana kandi yandukira imaze gutera mu Burundi aho yatanguye kwibonekeza muri komine Mugamba muntara ya Bururi ikaba yarahitanye umwana w,imyaka icenda. Mubimenyetso vyayo hakaba harimwo ibihere vyinshi vyaduka kumubiri wose. Amakuru dukura muri komine Nyabiraba naho muntara ya bujumbura akatumenyesha ko iyo ngwara nahone imaze kuhashika. Abanyagihugu basaba abajejwe igisata c’ubuvuzi gukora ibishoboka kugira ntikwire igihugu cose. N’inkuru tubaza Alexandrine keza
Ibipimo ngo vy’imfatikabanza vyakozwe muriyi misi n’ikigo INSP mu Burundi ngo vyerekana ko ata muntu yishwe n’ikiza c’akaranda kivugwa ko cateye mugihugu. Vyemezwa na Lydwine Baradahana umushikiranganji w’amagara y’abantu mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kane. Uyo mushikiranganji akavuga ko hari ibindi bipimo biriko birakoregwa mukigo gihambaye kiri mugihugu ca Ouganda. Ariko naho biruko uyo mushikiranganji ahamagarira abarundi kwikingira indwara zivyaduka mugukurikiza neza amabwiriza y’abaganga.
Umuntu yafashwe n’ingwara y’ibihara vy’inguge bita Variole de singe akwiye gufata imiti ari ahantu hawenyene kuko iyo ngwara yandukira cane. Mukuyikinga naho, abajejwe amagara y’abantu bakwiye kwiyumvira urucanco rwa Variole, rwizewe gushika ku bice 90 kw’ijana. Kurikira umuganga Come Konakuze n’umuhinga mu vy’indwara z’ivyaduka
Ni ngaha rero duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye, Eddy Claude Nininahazwe nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu naho ubutaha.