Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 20 Mukakaro 2024

Publié le 20 juillet 2024 par Rédaction

Turi kuwa  gatandatu  n’igenekerezo  rya    20  Mukakaro  umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

 

  • Muntara ya Makamba abarundi bahaba ntibacemerewe kuja kurondera igitoro mugihugu kibanyi ca Tanzaniya. Bategetswe kunywesha igitoro kw,isoko rya magendo riri hafi y,urubibe uburundi buhana n,ico gihugu kibanyi naho ngo bakaba bazimbwa cane

 

  • Muri ico gisata nyene amabido arenga 4500 y,uzuye ibitoro n,iyo abajejwe intwaro batwaye abakenyezi bo muri karitiye kavinvira muri Republika iharanira intwaro Rusangi ya kongo bahora bashorera ibitoro muburundi kw,ibarabara ry,igihugu inomero  zitanu mu Gatumba.Ico kibanza  kikaba cari caratunganijwe na leta kugira abo bakenyezi bakiranguriremwo iyo mirimo.Ishirahamwe rihurikiyemwo urwaruka rw,ikavinvira ruriyamiriza iyo ngendo ya leta y,uburundi.
  • Naho mukiganiro lw.isoko c,uno munsi tuza kugaruka kugatotezo kamaze iminsi kagirirwa umugambwe sahwanya Frodebu wa Melchior Ndadaye.Aya nayandi ni mukanya isase kwari guca kumasonga.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n,ikaze muri ano makuru.

 

Ano makuru tuyahere mugisata c,ubutungane aho abagabo 2 bo ku mutumba  Mugerama muri komine Nyanza-lac bapfungiwe mu gasho k’igipolisi muriyo komine kuva  kuri uyu wa gatanu. Abo bagabo bakaba bafashwe inyuma y’aho hari umutama w’imyaka 61 wo kur’uwo mutumba agandaguriwe acumiswe imbugita mu mutima mw’ijoro ryo ku musi wa kane buca ari kuri uyu wa gatanu. Amakuru dukura ng’aho ku mutumba Mugerama avuga ko  uwo yapfuye  acumiswe imbugita zo mu gikaraza  nk’igihe c’isaha zine z’ijoro atashe imuhira iwe.

Amakuru ava muri bamwe mu banyagihugu bo ku mutumba Mugerama avuga ko yoba yishwe ahowe ko ari umurozi. Ariko mu gipolisi i Nyanza-Lac ho ntibabibona uko kuko bavuga ko urwo rupfu rufatiye ku matati y’amatongo ari yo yoba yatumye yakwa ubuzima. Mu gipolisi bakemezako abo bagabo bahagaritswe kumvo z’amatohoza.

 

Dutandukire igisata co kwunguruza abantu.Abarundi bo muntara ya Makamba baja kurondera igitoro mugihugu kibanyi ca Tanzanie bavugako batacemererwa kunywesha kuri stations kuva mumpera z’uku kwezi kwa ruheshi.  Babwirwa ko baja kunywesha kw’isoko rya Magendu riri mugitara c’ibiti riri ku metero nke z’urubibe rw’uburundi na Tanzaniya aho ngo bagaca bazimbwa kuko essence yagurwa 3580/l ica igurwa 4000 mazout nayo ikava kuri 3400 ikaja kuma shilling 4000. Ido n’ido na Alexandrine Keza

 

Tukiri muri ico gisata nyene ,Kuruno wa kane igenekerezo 18  Mukakaro abakenyezi b,i kavinvira muri Republika iharanira intwaro rusangi ya congo bahora bashorera ibitoro mu Burundi kw,ibarabara ry,igihugu inomero  zitanu  mu Gatumba baratwawe n,abajejwe intwaro ibitoro bari bashoye birenga ama bidon 4500.Ishirahamwe rihurikiyemwo urwaruka rw,abakongomani bo muri karitiye kavinvira bariyamiriza iyo nyifato y,abategetsi b,uburundi ngo kuko ari nabo bari barashinze ico kibanza abo bakenyezi badandarizamwo.Kurikira Murangaliro Kanena justin arongoye ishirahamwe rihurikiyemwo urwaruka rw,i kavinvira.

Uyo arongoye iryo shirahamwe asaba abategetsi ba kongo kugirana ibiganiro n,abagenzi babo b,uburundi kugira ivyo bitoro bisubizwe benevyo.

 

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka kw’itotezwa umugambwe Sahwanya Frodebu wa Melchior Ndadaye umaze iminsi ukorerwa. Ikiganiro Kw’isoko mugishikirizwa na  Emile Nibasumba.

 

Imbere yo gusozera ano makuru  dukurikire ivyanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na  Eddy Claude Nininahazwe.

Ni no  ngaha kumakuru makuru makuru yanditswe n,ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi  duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ,nkaba nshimiye kandi n,abagenzanje banfashije kuyatororokanya umwe wese kugiti c,iwe.Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe  Bonfils Niyongere.

 

 

Ibindi bisa n'ibi